IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Kwegereza ubutegetsi abanyagihugu biracari kure

Kwegereza ubutegetsi abanyagihugu biracari kure

vendredi 30 Munyonyo 2012

Maritino Nivyabandi, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine, yari aramutse asigurira abashingamateka umugambi wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu. Muri ivyo bikorwa vyari birongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka François Kabura, abashingamateka barerekanye amakenga bafise kuri uwo mugambi bafatiye ku hazohora hafatirwa ingingo.

"Ukwegereza ubutegetsi abanyagihugu, ni igikorwa kigenda kiraranguka buhorobuhoro". Uko niko umushikiranganji yishuye abashingamateka. Kubw’uwo mushikiranganji, ngo vyose bihagararirwa n’amategeko. Aha yaramenyesheje ko ubushikiranganji arongoye atako butazogira kugira higwe amategeko meza abereye uwo mugambi.
Yarashikirije icipfuzo c’uko amakomine yokwigenga muvyerekeye gutunganya ubutunzi bwayo, kugira abashe guhagararira iterambere ryayo. Yaranashimikiye k’ukuntu intererano ya reta ari ntangere, akaba ari naco gituma ikigega FONIC kijejwe guteza imbere amakomine cashizweho.

Abashingamateka baserukiwe na Marceline Bararufise, barashkirije amakenga bafise kuri uwo mugambi, baca basaba ko hoba politike itomoye yerekeye kwegereza ubutegetsi abanyagihugu. Baranegura ingene hari ukwikwega mu gufata ingingo mu gihe amategeko aba asanzwe atomoye. Aho bafatiye k’ukuntu mu bihugu bibanyi hoho bisanzwe bigenda neza, bakifuza ko vyobera akarorero u Burundi.

Kukibazo c’uko igisagara ca Bujummbura gikoresha uburyo bw’umurengera ugereranije n’ayandi makomine agize igihugu, umushikiranganji Nivyabandi amenyesha ko biva ingene igisagara kigizwe n’amakomine menshi, ariko ntiyirengagiza ko hari amakomine amwe amwe yo mu gisagara ashobora gufatirwa hamwe mu migambi y’iterambere kugira uburyo bushobore gukoreshwa neza.

Ninaco gituma Maritino Nivyabandi yamenyesheje ko hagiye gufatwa imigambi, kugira bafashe abarundi guhindura ivyiyumviro, mu ntumbero y’uko umugambi wo kubegereza ubutegetsi uranguka.


Ndayikengurutse Jean Michel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.