Accueil > Diaspora > New York : Denise Nkurunziza ari kuronswa agashimwe
New York : Denise Nkurunziza ari kuronswa agashimwe
jeudi 13 Ruheshi 2013
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Umupfasoni Denise Nkurunziza, ari mu rugendo mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika aho yiteze kuronka agashimwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi umwaka w’2013.

Umupfasoni Denise Nkurunziza yitavye ubutumire bw’amashirahamwe y’aho muri Leta zunzubumwe z’Amerika yitwa: Voices of African Mothers, Reed for Hope at Bethesda Councel Foundation, ayo mashirahamwe akazoha Nyakubahwa Denise Nkurunziza agashimwe kitwa : “The Millennium Development Goals : 2013 Women’s Progress Aard”.
Nk’uko vyashikirijwe na Nana-Fosu Randall umukuru w’ishirahamwe Voices of African Mothers, yamenyesheje ko abaye arakeza umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi ku bikorwa vyiza akora, ibikorwa akorera abantu baba bari mu ngorane zitandukanye ndetse n’ukwitanga mu bikorwa vy’iterambere.
Agashimwe rero Denise Nkurunziza akazokaronkera ku cicaro c’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu gisagara ca New York muri Leta zunzubumwe z’Amerika.
Umutambukanyi w’Umukuru w’iihugu c’Uburundi rero yarashimiye rwose umupfasoni Randall kubona baramugomwe mw’ishirahamwe arongoye, bakamugomwa mu bandi bakenyezi kugire ashobore kuronka agashimwe nk’ako, aca ndetse aranatumira kugire baze bishikire mu Burundi, kugire baze bibonere ivyiza bimaze kuharangurirwa.

Aristide Nizigire
Messages
13 Ruheshi 2013, 09:04, par jm
abatambukanyi b ’abaperezida ko mbona bahora bahabwa ibikombe bazabona aho babikwiza? Ababibaha se buriya nta maronko Yandi baba barondera?