Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME: Amahinyu adasanzwe atanguye kuboneka mu bitigiri vy’abiyandikishije (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > OLUCOME: Amahinyu adasanzwe atanguye kuboneka mu bitigiri vy’abiyandikishije (...)

OLUCOME: Amahinyu adasanzwe atanguye kuboneka mu bitigiri vy’abiyandikishije bazotore

samedi 14 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ishirahamwe OLUCOME rirafise amakenga menshi inyuma yaho baronse ibiharuro vyabiyandikishije birenze kure niyo ivy’umurwi CENI wari urindiriye, bakaba bifuza gusigurirwa iyo vyavuye.

Ubuhinga bwakoreshejwe n’umurwi CENI (logiciel Sigel) mu gushira mu mashini intonde z’abiyandikishije bwoba aribwo nkwezi y’amarere. Ibiharuro biboneka n’ivyimbere y’iminsi ibiri imbere y’uko ibiharuro vya nyuma biboneka. Gabriel Rufyiri mu gushikiriza amakenga yiwe avuga ko ahagaze kuvyo umurwi CENI wari witeze aho igitigiri c’abapfasoni bari bitezwe n’abagabo bari bitezwe ,ubwo nyene ucubona ko birenga cane, logiciel bari bakoresheje carazira ko yakira abantu babiri , ariko rero ubwo buhinga ngo buravyakira neza cane, bishikirizwa na Gabriel Rufyiri.

Nk’uko bigaragara kuri ivyo biharuro , nk’akarorero mu ntara ya Bubanza , abakenyezi 78985 nibo bari barindiriwe kwiyandikisha, abashika 79154 nibo banditswe mu mashini, abagabo bari barindiriwe n’umurwi CENI bari 82060 ariko abashoboye kwandikwa ni 83769. N’ahandi n’ahandi mu zindi ntara ivyo biharuro bikaba birenga cane. Ariko rero ayo mahinyu akaba ataboneka ku biyandiksihirije mu bindi bihugu nka Canada, ububiligi , Reta zunzubumwe bwa Amerika n’ahandi.

Muri OLUCOME basaba ko vyose vyokosorwa kugira habe amatora ameze neza atekanye kandi adakumira, nk’uko Gabriel Rufyiri abishikiriza. Tubibutse ko kuri uno wa kane,igenekerezo rya 12 gushika kuwa 16 Ntwarante ariho hari hategekanijwe kumanikwa intonde z’abiyandikishije ariko ico gikorwa kikaba kitabaye.


Floxella Karire

Messages

  • ABARUNDI DUKUNDA KWIBAGIRWA KUBERA ABADUSAMAZA..NKO KURASA MUKA RWASA BASHAKA TWIBAGIRE IVYA ENROLEMENT ,,!!!EGOO BIRABABAJE ARIKO NI MUZE TURABE INGENE ENROLEMENT YAGENZE ABO BANTU BARASHAVUYE BASHAKA INTSINZI KUNGUVU..BAKUBITA ABANTU BA FROBEDU NYAKURI HOOSE CANE RWOSE MU KIRUNDO ARIKO BARINDIRE BAZORABA..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.