IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Ruciteme karyenda de Buyenzi yatahukanye agashimwe muri FESPAD i (...)

Ruciteme karyenda de Buyenzi yatahukanye agashimwe muri FESPAD i Rwanda

mercredi 13 Ntwarante 2013

Ingoma ku barundi ni karyenda ,ingoma itwara izindi ngoma yo ku gihe ca kera ubwami bwa kera bwa Urundi.

JPEG - 17.4 ko

Umukuru w’igihugu azwi cane muri Afrika Petero Nkurunziza aheruka guhura n’umukenyezi Irina Bokova, umuyobozi mukuru wa UNESCO kuri iyo mvo.Muri uwo mubonano rero ,umukuru w’igihugu c’Uburundi yaragaragaje ubuntu kuri iyo mvo isabukuru ya AFRIKA y’intambo (FESPAD), itunganywa ryayo rigira umunani ryo mu 2013 ,i kigali rero abo biyeretsi bakaba barabiciye biracika mu gutahana agashimwe mu kwerekana ubuhinga muri Afrika

Iyo sabukuru y‘intambo (FESPAD) rero ikaba ari isabukuru ya Afrika y’intambo atanimwe bisa yateguwe mu ntumbero yo guteza imbere amahoro n’ubumwe muri Afrika.Uyu mwaka ,ikaba yabereye mu gihugu ci Rwanda, neza na neza i kigali.ku ncuro yayo y’umunani ,iyo sabukuru yo 2013 yarifise icivugo « ubuhanga mu gushikiriza ivyiyumviro(le genie de l’expression) ».

JPEG - 109.8 ko

‘’Uno musi rero tukaba dufise ihiganwa ryo muri Afrika yose.Biratangaje cane kubona ibihugu vyarerekanye ubutunzi bw’akaranga kabo’’ivyo vyavuzwe na Rica Rwigamba ,umuyobozi wa ‘’Rwanda developpment board ijejwe ingenzi n’ikingirwa ryibidukikije.Ubushimwe rero bwaratanzwe ku baririmvyi b’ibihugu vy’afrika bagiye muri ryo sabukuru ry ‘intambo mu rwanda aho abatimbo bo mu burundi baronse agashimwe kuwa mbere mu buhinga ku kibuga c’umupira ca Remera I Kigali.

Kubwo umurundi yakurikiranye iyo sabukuru ku kibuga c’inkino i kigali (umuntu afise umutwe n’amaso ameze ukuntu ) :’’iyo bakubise ingoma Ku misozi iwacu ,zica zivyura karyenda( ingoma y’umwami) yonyene yivuza aho rero abasokuru bapfuye bose baca basubira kubaho ,turasangira urwarwa aho rero tuca twinjira mu kanyamuneza tugatamba kubera turyohererewe gusubira kubonana twumva dutewe intege , ivyo rero biratuma batamba cane.’’

JPEG - 21 ko

Abatimbo b’i burundi bararonse agashimwe ku berekanye ubumenyi bukomeye muri iyo sabukuru FESPAD yari igoye gutora uwa mbere.Imirwi ndangakaranga yose ikaba yarekanya imico kama yabo .Urwanda rero rukaba rwarabishitseko,ikibuga c’inkino Stade amahoro i Remera cari cuzuye abantu no hejuru hamwe n’abaje kurorera bahimbawe mu mwanya iyo mirwi ndangakaranga yerekana ivyo yateguye.

Uburundi bwarerekanye ico bushoboye muri iryo sabukuru FESPAD ni bivugwa n’umunyamerikakazi Elisabeth spackman yari mu murwi utanga amanota .Abarundi bari bitanze cane n’inkomezi zabo zose hamwe n’abarorerezi baremeye ko abarundi bari abambere ku rusha abandi bose . Mu majambo make bari barengewe.Abatimbo b’intashikirwa b’Abarundi batamba neza bajana n’umudiho w’ingoma z’abo nivyo vyahindutse’’ i ngoma KARYENDA ‘’..Turumva rero ko hari ibintu indani bihishijwe tutazi ‘’vyavuzwe numwe mu bajejwe umurwi wo gutanga amanota muri iryo sabukuru FESPAD.

JPEG - 143.8 ko

Abatimbo b’Uburundi bo mu murwi ndangakaranga Rucitemekaryenda wo mu Buyenzi .nibo batahukanye agashimwe.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.