Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwaraye buteye akagere amasezerano y’i Génève - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Uburundi bwaraye buteye akagere amasezerano y’i Génève

Uburundi bwaraye buteye akagere amasezerano y’i Génève

samedi 8 Ruheshi 2013

Nk’uko abantu batandukanye baguma bagira ico bashikirije, ndetse bakagira ico bahanuye Leta y’Uburundi ku bijanye n’itegeko rishasha umukuru w’igihucu c’Uburundi aherutse guterako umukono, igihugu c’Ubufaransa gisaba Leta kurekurira abamenyeshamakuru ubwigenge.

Ubufaransa bwibutsa abategetsi b’Uburundi ko mumpera z’ukwezi kwa Gitugutu 2012 i Génève, igihe hariko haba inama y’abafasha Uburundi n’abaserukiye igihugu c’Uburundi, ko bemerewe imiriyaridi zibiri z’amadolare y’Amerika ni ukuvuga umuriyaridi umwe n’igice y’amanyaburaya, kugire bafashe mw’iterambere ry’igihugu mu myaka ine irimbere, abatwara igihugu rero bakaba basabwa gushigikira intwaro rusangi n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Ubufaransa rero buributsa akamaro k’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu ntwaro rusangi. Ivyo bikaba ari navyo biri mu masezerano Ubufaransa n’Uburundi bateyeko umukono igihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yari i Paris mu gihugu c’Ubufaransa muri Ntwarante 2013 nk’uko bibandanya bivurwa na Philippe Lalliot.

Iryo tegeko rero riherutse guterwako umukono n’umukuru w’igihugu Petero nkurunziza, ryariyamirijwe n’abatari bake aha tukaba twovuga nk’ishirahamwe rya Buraya, abarongoye igisata c’iterambere mu bihugu vya Buraya. Abo bose basigura ko iryo tegeko naho ryateweko umukono ko riteye kubiri n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono co kimwe n’amasezerano Uburundi bwagiriraniye n’ababufasha mu nama yabereye i Geneve.

Ishirahamwe rya Buraya rikamenyesha ko bizeye neza ko iryo tegeko ritaje gusubiza inyuma umugambi wari watanguye w’ikiyago hagati y’imigambwe ya politike yo mu Burundi, mw’itegurwa ry’amatora meza kandi yizewe na bose.

Barangiza bamenyesha ko iryo tegeko naho ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ko riteye kubiri n’amasezerano Uburundi bwiyemeje. Bagasaba abategetsi ko bokwubaha ubwigenge bwo gushikiriza amakuru co kimwe n’ukwubaha amasezerano bagiriraniye n’ababafasha i Geneve.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.