IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Uburyo butandukanye umukobwa yokoresha mu kuresha umuhungu

Uburyo butandukanye umukobwa yokoresha mu kuresha umuhungu

mercredi 6 Ntwarante 2013

Nk’uko bisanzwe bivugwa, umugenzo wo kuresha abagabo bikozwe n’ igitsina gore, si ibintu vyo mu Burundi, naho benshi mu rwaruka rw’ubu berekana ko ahubwo ari bimwe mu bitanga amahirwe yo kuronka umukunzi akwiyumvamwo nawe wiyumvamwo.

Hari bimwe twabasomeye ku muhora wa internet witwa www.en.allexperts.com ku bijanye no kuresha abagabo, bimwe muri vyo harimwo ;

kwiyumvamwo ko wikunze wewe nyene ubwawe

Harimwo kwigirira icizere kandi ukumva ko uri mwiza wewe ubwawe, atawundi wigereranijeko. Ubu ni bwo buryo bwa mbere bugufasha gushobora kuresha umuhungu.

kwitaho umubiri

Ibi ntibisigura kwikora birenze urugero canke kwambara impuzu zihambaye. Iyo wambaye impuzu zisanzwe, ukaba uberewe biba bikwiye kugira umukunzi wawe abone ko uhimbaye.

Kwiyorosha, ku mutwenza no kumutwengera

Uri imbere y’umuhungu, ukwiye kwumva ko ufise amahoro, ukeye mu maso, ntiwiyoberanye kugira ngo abone ko umwiyumvamwo, kandi ko ataco umuhishije hakiyongerako no gutwenga, kuko kumwenyura biri mu bintu bikuru biresha abagabo.
kumubwira ko ukunda imico yiwe kandi ugahora umuha impanuro zo mu buzima
Birakwiye kumwemeza ko umukundira imico yiwe yaba myiza canke mibi, ukamuha n’impanuro zitandukanye zo mu buzima, kugira akerebuke naho wewe atavyo woba ukurikiza.

Gukoresha ijwi risendereye

Uriko uravuga, ukwiye gukoresha ijwi riri hasi, ritari hejuru, mu majambo ukumva ko harimwo kurandira ariko bitari ivya cane gose. Ivyo ukabikora igihe uriko uraganiriza umugabo canke umuhungu.

Gukoresha ibimenyetso

Igihe cose ushaka kugira ico umubwira, ushobora nko kumwicira akajisho, kumukubita agashi n’ibindi. Ibi bituma akugirira amakenga kandi akagukurikirana.

kuvuga make

Ni vyiza kuvuga nk’inkuru uzica hejuru, kuko bituma umuhungu yipfuza kumenya ibikurikira ikindi gihe akazobikubaza. Muvyo uvuga, wokwirinda kwivuga nabi.
Ibi rero bishobora kuguha amahirwe nk’ umukobwa, yo kwigarurira umuhungu wumva ushaka ko muvyumva kumwe, kuko inyuma yo kubona ko afise uko asigaye akwiyumvamwo, ushobora kumubwira noneho ko umukunda, ariko igihe cose uzobona atishimiye ivyo wagize kuva kuntango nta mpamvu yo guhatiriza.


Jean Michel Ndayikengurutse

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.