IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyitavye inama yabereye i Dar es (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyitavye inama yabereye i Dar es Salaam

dimanche 31 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Mu gihe uno munsi hitezwe inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko yatunganijwe mu gihugu ca Tanzaniya i Dar-Es-Salaam aho bitegekanijwe ko biga ku kibazo c’Uburundi na cane cane ukwitoza kwa Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu, vyahavuye bimenyekana ko umukuru w’igihugu c’uburundi atitaba iyo nama.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Gervais Abayeho yamenyesheje ko Umukuru w’igihugu yarungitse Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Alain Nyamitwe kugira ngo amuserukire, arongera akamenyesha ko imvo nyamukuru yatumye adashobora kwitabira iyo nama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, ari uko Petero Nkurunziza ari mu bikorwa vyo kwiyamamariza ikibanza c’Umukuru w’Igihugu.

Umushikiranganji w'imigenderanire nayandi makungu Alain Nyamitwe hamwe na Léontine NZEYIMANA umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko

.

Mwomenya ko iyo nama yitabwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko hamwe na bamwe mu ntumwa z’abakuru b’ibihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.