Umurwi ndangakaranga RUCITEME wiyemeje guteza imbere Umuco w’ikirundi

Yanditswe na Alexandrine Keza
Kuya 11 Ntwarante 2013 saa 04:29
7095
0 0

Umugwi Ruciteme ukora ahanini ibikorwa bijanye n’imico kama ukaba hambavu yivyo usanzwe ukora n’ibindi bikorwa.
Ruciteme kubatabizi n’izina ry’ingoma imwe mungoma zaba ibwami kera,umugwi Ruciteme usanzwe urongowe n’umugambi « Jeunesse pour la culture et le développement humain :Ruciteme-culture » ukaba wavuste mumwaka w’ibihumbi bibiri(2000),ariko wemeregwa gutangura gukora mumwaka w’ibihumbi bibiri na gatanu(2005).
Uwo mugwi ugizwe n’abanywanyi 50 abakuze n’abato bagizwe n’ibistina vyose .Nkuko (...)

Umugwi Ruciteme ukora ahanini ibikorwa bijanye n’imico kama ukaba hambavu yivyo usanzwe ukora n’ibindi bikorwa.

Ruciteme kubatabizi n’izina ry’ingoma imwe mungoma zaba ibwami kera,umugwi Ruciteme usanzwe urongowe n’umugambi « Jeunesse pour la culture et le développement humain :Ruciteme-culture » ukaba wavuste mumwaka w’ibihumbi bibiri(2000),ariko wemeregwa gutangura gukora mumwaka w’ibihumbi bibiri na gatanu(2005).

JPEG - 60 ko

Uwo mugwi ugizwe n’abanywanyi 50 abakuze n’abato bagizwe n’ibistina vyose .Nkuko Pascal Niranyuhura ajejwe ibikorwa n’imigenderanire mur’uwo mugwi abitumenyesha ngo ibikorwa vyabo ahanini bijanye no kwigishanya ibijanye n’akaranga kubakiribato na cane cane,ugukora ibikorwa bijanye no gukingira ibidukikije,ukwigishanya ibijanye no kugwanya umugera wa sida n’ibindi.

JPEG - 59.7 ko

Imigambi nayo bishinze ngo nugushinga imigwi y’abana bakiri bato bazoshobora muri kazoza gukomeza akaranga k’amahoro n’ubumwe,ukwigisha urwaruka ukungene boza barakora udukorwa two kwiteza imbere, hamwe rero no muguterera mubikorwa vyo gukingira ibidukikije .

JPEG - 38.5 ko

Umugwi ndangakaranga Ruciteme usanzwe wimenyereza kukibuga ca tempete hamwe n’ahari inzu ndangakaranga musee vivant,ukaba utamba intambo z’ikirundi ariko bakaza bagerageza kuzivanga n’izindi ntambo zo mubindi bihugu kugira baronke ikintu gishasha kandi ciza nkakarorero hari intambo bita DJEMBE iyo akaba aruruvange rw’intambo y’ikirundi n’intambo yo muri afrika yo muburaruko,eka urafise n’abavuzi b’ingoma .Uwo mugwi ukaba umaze kugira ibiteramo bitari bike haba mu gihugu canke hanze y’igihugu nko mubihugu nka :Rwanda,Congo,Ethiopie,Niger .


Kumenyekanisha

1
furaha ndacayisaba 3-07-2015 à 04:44

kuvyukuri uyomurwi urazi kuvuza ikibazo ubuze umuserukizi mwiza yowitaho nkakurya kwamashanya womukayazwe jewe uko uyomurwi narindawuzi kandi uko nawubo kubwanje warumurwi utinywa mubatimbo bose ariko bagoye basubira inyuma kukubura indongozi zibitayeho ariko ndazi nubu boronka umuserukizi akunda ivyimico abafata kumugongo ndazi ntamurwi woba ukirya imbere yabo uko je ndabazi ahubwo nagomba nsabe ndabasabi murundi murundikazi ukunda akaranga nurabe icowofasha uyomurwi namwe bamenyesha makuru murakoze.

2
###### 13-03-2013 à 12:22

Urakoze mumenyesha makuru Alexendrine kunkuru zakaranga udasiba kudushiriza.Ndaryohewe nuwo mugwi ndangakaranga Ruciteme(JCDR) kuko ndabona ko ari umugwi ufise imigambi myishi kandi itomoye gusumba maze n’iyindi migwi maze kwumva!
Turasavye ko abantu bafise imigambi nkiyo mwobafasha namwe mukubamenyekanisha gusumba. (Pisco)

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha