IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Umurwi Yagamahoro uzobibutsa akamoto ka sogokuru

Umurwi Yagamahoro uzobibutsa akamoto ka sogokuru

mardi 24 Kigarama 2013

Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rurijukiye kugarukira akaranga k’Uburundi. Indirimbo, intambo n’ibindi bikorwa ndangakaranga bigombwa gusubizwa iteka, igihugu kigumane akamoto ka sogokuru. Umurwi Yagamahoro uzobibutsa vyinshi mu giteramo babateguriye.

Igihugu kitagira akaranga ni nk’igiti kitagira imizi, ni nk’amazi atemba atagira isoko. Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rwihaye intumbero yo gukomeza akaranga ndanga Burundi, rwarateguye igiteramo gifise akamoto k’ikirundi n’abarundi. Muri ico giteramo, imvyino, indirimbo eka n’intambo zitandukanye zizosamira. Umurwi Yagamahoro wo mu Ntara ya Gitega, warabateguriye umugoroba wogusubiza itoto akaranga k’abasokuru.

Nduwayo Alex Dino, umwe mu rwaruka rugize uwo murwi, amenyeshako kuri uwo munsi w’igenekerezo rya 29 Kigarama 2013, ku munsi w’Imana, igihe c’isaha cumi z’umuhingamo, za mvyino muhora mwumva mu manza zivuzwa mu ncamake, za ndirimbo zihora zica ku nsamirizi hagaca hahera iminsi abazikunda batazumva, kuri uwo munsi zizoronswa umwanya w’umurava.

Ahitwa k’Umuganuro mu gisagara ca Gitega, umurwi ugizwe n’abana bagera kuri 70, bazobatangaza ku ntambo nshasha n’imvyino nshasha babateguriye. Hagati aho, indirimbo zigera kuri 18 mwahora mwumva, muri zo ni nka «Agahore, Mpa rwarukombe, Mutama, Mbaye ndashima» n’izindi zizobica bicike.

Nduwayo abandanya amenyesha ko kwinjira muri ico giteramo n’amahera 2000 gusa y’amarundi. Asaba kandi ko uwo bishobora wese, yobafata mu mugongo muri iyo nzira yo kwegeranya urwaruka, hama rukinzizwa mu muco w’igihugu, ariko kuri uwo munsi w’igiteramo, uwuzogira ico atereye, azokwinjira ku mahera 5000, ni zindi ntererano zizokwakirwa.


cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.