Accueil > Diaspora > Abanyarwanda bo mu Burundi bibutse ku ncuro ya 20 umusi wo kwibohoza
Abanyarwanda bo mu Burundi bibutse ku ncuro ya 20 umusi wo kwibohoza
dimanche 6 Mukakaro 2014
Umuryango w’abanyarwanda bo mu Burundi kuri uwu wa gatanu niho bibuka ku ncuro ya 20 umusi wo kwibohoza. Uwuserukira Urwanda mu Burundi agahamagarira abanyarwanda bose guteza imbere igihugu cabo, uwaserukiye Reta y’Uburundi nawe agakeza abanyarwanda aho bageze inyuma y’ingorane baciyemwo, akamenyesha ko imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi ari myiza cane.

Ivyo birori vyo kwibuka imyaka 20 abahoze ari abarwanyi b’ikiroberi ca FPR bahagaritse ihonyabwoko ryakorewe abatutsi, vyatangujwe no guha ikaze abashitsi bari bitavye ivyo birori. Vyatangujwe n’intambo nyarwanda, indirimbo zihayagiza ibihugu vy’Urwanda n’Uburundi zirasamirana mu kibanza c’ihoteli Ubuntu Residence kiri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, ahariko habera ivyo birori.
Amajambo atanguye kuvugwa, uwa mbere mu gufata ijambo yabaye uwuserukira Urwanda mu Burundi. Yatanguye yibutsa aho ico gihugu cari kigeze mu kwa kane mu mwaka w’1994. Amandin RUGIRA yavuze ko ico gihe abana b’Urwanda bitanze baremera barasesa amaraso yabo kugira barokore benewabo bariko baricwa n’ubutegetsi bwa Yuvenali HABYARIMANA, uwo aserukira Urwanda mu Burundi ngo uyu musi niwo kwibuka abo bose biguze Urwanda bakabushitsa aho bugeze ubu, amakungu akabwubaha. Yaheraheje ijambo ryiwe asaba urwaruka kubandanya bakura amaboko mu mpuzu bagakorera igihugu cabo kuko ku bwiwe ejo ni heza. Uwaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori yamenyesheje ko Uburundi bukeza cane Urwanda ku ntambwe bagezeko inyuma y’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka w’1994.

Kubw’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu, imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi ni myiza cane. Laurent KAVAKURE akabandanya amenyesha ko hari imigambi myishi yakorewe hamwe nko gukoresha ibiro bimwe ku mupaka wa Gasenyi na Nemba hamwe n’uko abakozi b’abanyarwanda bakoreye mu Burundi bariko batunganirizwa muri INSS. Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire Laurent KAVAKURE yamenyesheje abari bitajwe ivyo birori ko Reta y’Uburundi izobandanya ishigikira Urwanda.
Abari bitavye uwo musi wo kwibohora harimwo abashikiranganji bamwe bamwe baba mu Burundi, abaserukira ibihugu vyabo, abanyarwanda baba mu Burundi, eka n’incuti z’Urwanda.
Umusi wo kwibohora watangujwe n’intambara yatewe n’impuzi z’abanyarwanda bishize hamwe bashiraho umurwi w’abarwanyi bise FPR INKOTANYI. Igitero ca mbere ca FPR cabaye kuwa 01 Gitugutu 1990.
Patrick Wasso