IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Vanessa, umwigeme yijukiye urudandazwa rw’imideri i Bujumbura

Vanessa, umwigeme yijukiye urudandazwa rw’imideri i Bujumbura

vendredi 13 Kigarama 2013

Urwaruka ni rwikangure, umwe wese arondere muri we ingabirano afise akore imigambi yo kwiteza imbere, bivugwa n’umwigeme Vanessa, umunyamideri asanzwe akora urudandazwa rwo kwambika abantu bafise imanza.

Mu gihe Reta itagishoboye gutanga akazi ku banyeshure bose barangiza amashure yabo, yahamagariye urwaruka gutanguza imigambi yabo. Ikinyamakuru IGIHE caganiriye n’umwe mu bigeme biyungunganije baratunganya imigambi. Vanessa ni umwigeme afise imyaka 25, imfura mu muryango w’abana batatu, ahejeje kaminuza y’umuco mu gisata c’amategeko. Muri kino gihe, Vanessa ariko yandika igitabo co kurangiza amashure ya kaminuza (mémoire). Uwo mwigeme amenyesha ko kuva kera yama yumva akunda urudandazwa cane, mbere akiri akana k’imyaka 14, yarafasha umuvyeyi wiwe kudandaza. Amaze guheza amashure yisumbuye niho yasaba umutahe atangura kudandaza impuzu gushika naho yugurura iduka yiwe. Mu nyuma yaciye aja mu rudandazwa rwo gushariza imiduga n’ibibanza biberamwo imanza. Agira ati: Jewe narumva ko mfise ivyiyumviro vyinshi mu mutwe, numva rero nobishira mu ngiro".

Mu nyuma yaho niho yatanguye gukorera imideri abantu. Uwukeneye kwambika bamwe bita aba "filles d’honneur", abakobwa baherekeza umugeni canke umuhagarikizi, Vanessa arabikora neza cane mbere haguma uruja n’uruza rwabamusaba ko abambika. Urwo rudadandazwa rwo kwambika abantu bafise imanza rukaba rutari rumenyerewe cane n’urutari rumenyerewe mu Burundi. "Natanguye mfata ibitambara nkakora amakanzu adashonye, mu nyuma mbona birakunda abantu barabishimye, niko kubandanya.’’

Vanessa aravunira akagohe urundi rwaruka, ko ata gihe na kimwe umuntu azicara i muhira hama agire ico aronka. Uwushaka gutera imbere arahaguruka, agakura amaboko mu mpuzu. Uwo mwigeme abandanya atumenyesha ko icatumye anatera imbere ar’uko yagiye arondera amakuru ku bandi bantu basanzwe bakora ivyo yipfuza. Mbere araronka n’urundi rwaruka nkawe rukora imigambi rwamufashije mu kwimenyekanisha hamwe n’ibimenyeshamakuru bitandukanye, aha akavuga nk’igiteramo co gutambuka (défilé) yateguye kuwa 14 Ruhuhuma mu nyubakwa Bel air.

Mu ngorane urwaruka rukora imigambi ruhura nazo, nk’uko tubibwirwa na Vanessa ni uko abantu bafise ubushobozi (opportunités) badashaka kubateza imbere. Aboneraho akaryo ko gusaba Reta, ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, kubafasha mu kubaronderera uburyo bwo kuja kurahura ubwenge mu makungu, hamwe no kworoherezwa muma banki.

Vanessa atera akamo urundi rwaruka. "Nimuhaguruke Reta nta mahera igifise yo guha akazi abantu bose, uwiga n’iyige ariko ategura kazoza yiyumvira imigambi. Ubu urwaruka rufise ibintu vyinshi nk’ubuhinga ngurukanabumenyi, ni basume ubwenge barabe ahandi ingene bimeze." Abandanya kubasaba kurondera murirwo ingabire rufise. Ikindi abasaba n’uko bokwirinda kwiganana kuko bose ntibahamagariwe gukora bimwe. Arongera kandi akabasaba gushigikirana hagati yabo muvyo bakora.

Uwo mwigeme arangiza avuga ati: "Indoto zanje n’uko umunsi umwe noba mfise ishirahamwe rikomeye cane, Vah fashion services yateye imbere hamwe nshobora gutanga akazi na cane cane ku bakenyezi n’abigeme."


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.