Ibanki nkuru ya repuburika y’Uburundi BRB imenyeshako abipfuza kwuguruza amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro bahawe uburenganzira bwo kubisaba.
IFARANGA
-
BRB yahagaritse ingingo yabuza gusaba kugurura amashirahamwe adandaza amafaranga y’agaciro
30 October 2018, by vianney -
Desire MUSHARITSE: “Imiriyaridi hafi 28 niyo amaze gutozwa mu guterera amatora ya 2020”
29 September 2018, by vianneyUmuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta Desire MUSHARITSE amenyeshako amafaranga angana imiriyaridi hafi 28 y’amafaranga y’amarundi ariyo amaze gutozwa mu gikorwa co guterera amatora yo mu mwaka wa 2020.
-
Bujumbura : Abunguruza abantu n’imodoka bavuga ko badatahura iyo ibingorongoro bija
30 mai 2018Abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bakoresheje imodoka, bavuga ko bamaze iminsi bataronka ibingorongoro vyo gusubiza abiyunguruza baja aho basabwa gusubizwa amafaranga 20. Bavuga ko bibonetse ata cobuza ko babiha abo bunguruza, mu gihe iyo bibuze bishika ntibabitahure.
-
Ibanki Nkuru y’Igihugu ivuga ko ibingorongoro biriho ku bwinshi
29 mai 2018Ibanki nkuru y’igihugu c’uburundi BRB (Banque de la Republique du Burundi) imenyeshako amafaranga agizwe n’ibingongoro ariho kandi akwiye.
-
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko amafaranga y’agaciro azoboneka
3 février 2018Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bumenyesha ko ata migambi ihambaye itegurwa kugira amafaranga y’agaciro aboneke, ariko aboneka iyo abantu bari ku bikorwa bifasha ayo mafaranga kuboneka.
-
Abanyagihugu basabwa kudaheba gukoresha amafaranga matomato
23 janvier 2018Mu gihe haheze iminsi hari ibibazo ku bingorongoro vya cumi vyoba bitaboneka canke bifatwa nk’ibitemerewe gukoreshwa, mw’ibanki nkuru y’igihugu bamenyesha ko ibingorongoro vya cumi biriho kubwinshi kandi bitigeze bivanwa kw’isoko y’amahera akoreshwa mu Burundi ,nayo inoti ya cumi n’iya mirongo ibiri bitakiri mu mafaranga akoreshwa kubutaka bw’Uburundi.
-
Bamwe mu bashingamateka ntibumva igituma Abarundi batubika uwa vubi kandi inzahabu zimbwa
14 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANABamwe mu bashingamateka b’Uburundi bavuga ko bitumvikana ingene Reta y’Uburundi yobandanya kuvuga ko mu nteguro y’amafaranga azokoreshwa na Reta mu mwaka uza w’2018 Abarundi bazobandanya umugambi w’ugutubika uwa vubi kandi igihugu gifise ubutare bubandanya gutorwa hirya no hino, n’amwe mu mashirahamwe yimba ubwo butare akaba yarahawe uruhusha na Reta.
-
Amashirahamwe arungika amafaranga ku buhinga ngurukanabumenyi asabwa gukinga impanuka zoba muri ubwo buhinga
9 décembre 2017Umuyoyozi ajejwe kugenzura ibikorwa vy’amabanki mw’ibanki nkuru y’igihugu, amenyesha ko ari nkenerwa ko baganira n’amashirahamwe atanga uburyo bwo guhanahana amafaranga mu buhinga ngurukanabumenyi kugira barabe ko hari inzitizi bahura mw’ishirwa mu ngiro ry’amatemategeko abiri mashasha ibanki nkuru y’igihugu yashizeho mu kwezi kw’indwi, hamwe n’irigenga amabanki ryo mu kwezi kw’umunani 2017.
-
Kirundo : Posita yibwe imiriyoni 23 z’amafaranga y’amarundi, ayandi afatirwa mu Ngagara
24 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANAPosita yo mu Kirundo, muri komine Buganira yibwe amafaranga agera ku miriyoni 23 z’amarundi, akaba yibwe na KATIHABWA David arongoye iryo shami rya Posita muri iyo ntara, uwo nawe akaba yataye akazi kuva kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2017. Mu giporisi bameneysha ko bariko baramurondera.
-
PARCEM: OBR irakwiye kwama isohora icegeranyo nk’uko ibisabwa (Video)
20 Ndamukiza 2017, par Jean de Dieu M.SC:Tele Renaissance