IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Kirundo : Posita yibwe imiriyoni 23 z’amafaranga y’amarundi, ayandi afatirwa (...)

Kirundo : Posita yibwe imiriyoni 23 z’amafaranga y’amarundi, ayandi afatirwa mu Ngagara

samedi 24 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesheje kandi kuri uwu wa gatandatu ko hari umukozi wa Posita azwi kw’izina rya Mutore Armel, yafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa 21 Ruheshi 2017 afise amafaranga agera miriyoni umunani n’ibihumbi amajana atatu na mirongo ibiri. Mu giporisi bavuga ko ayo mafaranga yari ayo yivye Posita y’i Bujumbura, ku cicaro gikuru.

Posita y’Uburundi imenyesha ko ubugenduzi yakoze mu gihugu cose bwerekana ko kuva mu mwaka w’2011, amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni amajana umunani ariyo amaze kwibwa, muri ayo ayagera ku bice 90 kw’ijana akaba yibwe n’abakozi ba Posita.

Abandi bavugwa mu busuma bw’amafaranga ya Posita, ni abanywanyi bahabwa amadeni, ariko ntibayarihe, hamwe n’abasuma bitwaje ibirwanisho basahura Posita.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • emwe Aabakozi Ba Posta Si Bose Muga Bensh Ni Bisuma Na Twebwe Abahahembegwa Akanoti Usize Kuri Konte Yawe Ugarutse Usanga Barakamize

  • Posita y’Uburundi yaramaze gupfa, irindiriye kuja guhambwa. Ubu nta muntu ari hanze y’igihugu acipfuza kurungika ikintu c’agaciro agicishije muri iyo posta kuko ntikizopfa gishikiriye uwo cagenewe. Western Union barayishe kuko urungitse amahera bacisha kuw’epfo. N’ abantu benshi caane vyashikiye. Bizoshika ifutwe nko muri Nigeria. None ko kera posta yabeshwaho n’amakete na za timbre-postes ariko ubu hasigaye hakora za emails, SMS n’ibindi wumva posta izobaho gute, ko hari hasigaye services za collis na Western Union?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.