Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Abanyagihugu basabwa kudaheba gukoresha amafaranga matomato
Abanyagihugu basabwa kudaheba gukoresha amafaranga matomato
mardi 23 janvier 2018
Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Nzero, Clément Butoke atwara igisata kijejwe gukurikirana ingene ifaranga rikora n’ingene risohoka mw’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi, amenyesha ko ibingorongoro vya cumi biriho kubwinshi mu bubiko bw’ibanki nkuru y’igihugu, agasaba abanyagihugu guheba ingeso yo kwanka canke gufata minenerwe ifaranga.
Clément Butoke arasaba ko abarundi boheba inyifato yo kuza baraheba amahera, akamenyesha ko n’amabanki yikorera ivyabo afise ibingorongoro bikwiye.
Imyidogo y’abanyagihugu ikaba yatanguye kuva aho ibiciro vy’igitoro co mu bwoko bwa esansi bidugiye, amafaranga yo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura nayo akava ku 350 akaja ku 380 y’amarundi, ariko bakarihishwa 400, insiguro itangwa ikaba ari uko ibingorongoro vya cumi bitaboneka.
BUKURU Pacifique
Messages
23 janvier 2018, 19:38, par Lee
Erega ingorane nuko nibigorogoro ntibiboneka