Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Bamwe mu bashingamateka ntibumva igituma Abarundi batubika uwa vubi kandi (...)
Bamwe mu bashingamateka ntibumva igituma Abarundi batubika uwa vubi kandi inzahabu zimbwa
jeudi 14 Kigarama 2017, par
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta asanzwe ariwe yari mu nama nshingamateka kuri uwu wa gatatu gusigurira abashingamateka ibiri mu nteguro y’itegeko rivuga amafaranga Reta y’Uburundi izokoreshwa mu 2018, yamenyesheje ko amafaranga azova mu nzahabu n’ubutare atawoyakorerako ubu, kuko bayemera bayabonye.
Ni vyiza turumva imigambi hirya no hiyo aho batanguye kwimba. Mugabo, hagati y’ugutangura kwimba n’ukwinjiza ifaranga hariho umwanya..
- Domitien NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta
Inama nshingamateka yize kandi iremeza ijana kw’ijana kuri uwu wa gatatu integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka wa 2018. Umushikiranganji w’ubutunzi Domitien NDIHOKUBWAYO yashikirije ko abarundi bagiye kubandanya batubika uwavubi.
Integuro y’iryo tegeko ivuga ko amafaranga agiye gukoreshwa na Reta y’Uburundi mu mwaka wa 2018 azokwiyongerako amafaranga agera ku mamiriyaridi 71.3 y’amarundi, ni ukuvuga ko azokwiyongerako ku rugero rwa 6,2%.
![](local/cache-vignettes/L672xH449/do2-c57eb.jpg?1550721852)
Amafaranga Reta igiye gukoresha mu mwaka wa 2018 agera ku mamiriyaridi 1 338,1 y’amarundi.
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta avuga ko ibisata nyamukuru bizoronswa uburyo gusumvya ibindi, ari nk’igisata co kwivuna abansi n’umutekano, igisata c’indero, ic’amagara y’abantu, ibisata bigize itunga ry’igihugu nk’uburimyi, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, ugutwara abantu n’ibintu, hamwe n’ibindi bisata bigize iterambere ry’igihugu.
Egide NDUWIMANA