Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Umushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko amafaranga y’agaciro (...)
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko amafaranga y’agaciro azoboneka
samedi 3 février 2018
Igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu mwaka wa 2017, umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko naho amafaranga y’agaciro vyashitse agakena, bizoshoboka kugira ayo mafaranga aboneke kuko ibiri mu gihugu vyose bishobora kuvyara amafaranga y’agaciro.
Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ati :“Ikidashoboka n’igiki ? Ubu umwimbu w’agatasi urashimishije ku buryo aha ikigo gitoza amakori n’amatagisi coca kitubwira amafaranga y’agaciro yakoreshwa mu kwinjiza ivyo vyimburwa.”
Uwo mushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko igiterwa c’ikawa cahora kija kugurishwa hanze mu kinyegero vyatuma igihugu kihahombera amafaranga y’agaciro,ubu catorewe umuti bigiye gufasha mw’iboneka ry’ayo mafaranga.
BIKORIMANA Vianney