ABS &ANSS : Abanywa ibiyayuramutwe bakwiye gufatwa nk’abarwayi

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 26 Ruheshi 2017 saa 03:18
Yasomwe : 3726
0 0

Amashirahamwe ABS (Urunani rw’amashirahamwe agwaniriza hamwe umugera wa Sida) na ANSS rijejwe gushigikira hamwe no kwitaho abagwayi b’umugera wa Sida yamenyesheje ko kuri uno musi wa mbere bifatikanije n’ibindi bihugu mu guhimbaza uwo musi wahariwe kugwanya ibiyayuramutwe, kugira bafashe abantu gutahura ko abanywa ibiyayuramutwe barwaye, gutyo babone kubifatirako mu kubafasha kuva muri iyo ndwara, no gufasha kugira abantu bahindure ivyiyumviro ku bijanye no gufata neza abanywa ibiyayuramutwe.

Ishirahamwe ABS rifadikanije n’ishirahamwe ANSS yahimbaje kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Ruheshi 2017, umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ibiyayura mutwe hamwe no gufasha abo bimaze gusinzikaza, umunsi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi uko umwaka utashe .

Emile MANISHA arongoye igiporisi c’inyamiramabi yavuze ko amategeko ahana uwariwe wese anywa ibiyayuramutwe, kandi ko ayo mategeko abitegekanya abandanya ahinyanyurwa kugira afashe guhana abanywa ibiyayuramutwe, ariko ko bazofasha umuntu yafashe ingingo zo guheba kunywa ibiyayuramutwe na cane cane mu gushigikira ibikorwa vya ABS isanzwe ikora mu gufasha abanywa ibiyayuramutwe kugira babihebe burundu.

Muganga Innocent NKURUNZIZA arongoye igisata kijejwe kugwanya indwara ngendanwa ariko zitandukira yavuze ko abantu bashika imiriyoni 300 kw’isi aribo banywa ibiyayuramutwe, abashika ku 250000 nabo bagira ingaruka nyinshi zitewe n’ibiyayuramutwe.

Muganga Innocent NKURUNZIZA yavuze ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu mugambi bwihaye wo gufasha abanywa ibiyayuramutwe, ko mu mwaka wa 2023, abafise iyo ngorane bazoba bamaze kugabanuka gushika ku bice 80 kw’ijana.

Uwaserukiye urunani rw’abasanzwe bakoresha imiti nkaburabwenge (ibiyayuramutwe), Eric DEBEGERI, yamenyeshe ko ukunywa ibiyayuramutwe ari kimwe mu bituma bandura umugera wa Sida.

Bamwe mu basanzwe banywa ibiyayuramutwe bamenyesha ko bituma bandura indwara, gushurashura, kwiba, ukwononekara kw’amahaha n’ubwongo, hamwe n’ugutandukana n’imiryango yabo. Bagasa ko bokwitabwaho kugira bavugwe kuko bashobora kugira akamaro ku gihugu.

Mwomenya ko uwo musi wahariwe kurwanya ibiyayuramutwe wahimbajwe ku civugo: “ Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso.”


Kumenyekanisha

1
Gervais KATIYUMGURUZA 26-06-2017 à 21:44

Ndabaramukije,sinipfuje guhanisha ariko naira menyeshe ko umuti uhari ku bantu bipfuza guheba itabi n’ibiyayuramutwe. Uwo muti ni umwe kandi ugira umare imyaka ibiri uriko urafasha. Kubiyayuramutwe abawukoresha benshi ubasanga mu gisagara ca Bujumbura. Twagomba guterera ariko ntituri abagiraneza. La marque de notre produit est enregistré au Ministère du Commerce. Extrait des végétaux et conditionné par une équipe d’ingénieurs. Dr n Innocent nous connait assez bien. Plus de détails nimwaba muvyiphuza. Mugire amagara azira itabi n’urumogi. Murakoze. 257 31 034 955 et 257 69 850 557

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha