Ishirahamwe OMS riragabisha ko marariya itariko irarwanywa ku rugero rushimishije

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 avril 2018 saa 04:08
3495
0 0

Ishirahamwe mouzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, riragabisha ko, ibihugu vyagabanuye urugero vyarwanyako Marariya, bafatiye mu myaka 10 iheze.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko mu mwaka wa 2016, Maraliya yahitanye abantu bababa ibihumbi amajana atanu, benshi muri abo bakaba baba mu bihugu biri munsi y’ubugararwa bwa Sahara.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko, kuva mu mwaka wa 2000 gushika mu mwaka wa 2015, bivugwa ko habaye utwigoro twinshi mu kugwanya malaria, abapfa baragabanuka gushika ku bice 48%, naho mu mwaka wa 2016 vyaciye bihagarara, kuko imibu imaze kumenyera imiti ipompwa mu misegetera.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, risaba ibihugu kudafata minenerwe ingwara ya malariya, bikarwiza umwete mu gukinga no kuvura iyo ndwara.

Ishirahamwe mpuzamakungu OMS, rigasigura ko, mu gihe abafatwa bashobora gushika imiriyoni 200 kw’isi, iyo ndwara iragira ingaruka zikomeye ku miryango, abanyagihugu no ku butunzi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha