Hagiye gutunganywa isekeza ryo kuvura indwara yo mu kigo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 27 avril 2018 saa 11:51
4395
0 0

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko bwashoboye gukinga ingwara ya Marariya hakoreshejwe uburyo bwo gupompa mu burere bw’ubuvuzi bwa Ryansoro na Kiganda ,gushiraho umugambi wo kwigisha ivyerekeye ingwara ya Cancer yo mu giterereko hamwe no kwigisha abajejwe kuvura ibijanye n’ubuhinga bwo gutandukanya imvyaro.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Thadee NDIKUMANA mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu arangiye,yamenyesheje ko ubwo bushikiranganji bwashoboye gushikiriza ibikoresho abavuzi n’abafasha babo mu bijanye no gutandukanye imvyaro,gushikiriza igitabo mfashanyigisho abajejwe kwigisha no guhimiriza abenegihugu kubijanye n’urucanco SAYANA PRESS hamwe no gutanguza ibisata bijejwe kugorora abavunitse mu bitaro vy’uburere bwa Muramvya n’intara ya Kirundo.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu n’ibijanye n’isuzuma ry’imiti yinjira n’iyitegekanijwe mu mwaka wa 2019 hamwe no gutunganya ibijanye no gukoresha ubuhinga bwa none “informatique” mu kigo co gupima ingwara c’ishure INSP .

Ibigiye gukorwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu mezi atatu ari imbere n’ibijanye no gukora isekeza ryo kuvura abafise ingwara yo mu kigo,gutunganya isekeza rijanye n’ingwara ya cancer mu ntara ya Rumonge hamwe n’itunganywa ry’indwi yahariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha