’’ Nta kiza ca Malariya kikiri mu Burundi’’ :-Muganga Josiane NIJIMBERE

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 19 janvier 2018 saa 05:45
7455
0 0

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko ikiza ca Malariya caheze.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu Josiane NIJIMBERE amenyesha ko ubu mu Burundi ata kiza ca Malariya kikiriho nk’uko vyari mu mwaka uheze, ariko ko iyo ndwara ikiriho nk’izindi ndwara.

Muganga Josiane NIJIMBERE avuga ko ibiharuro vy’urugero rw’indwara ya Malariya muri kino gihe vyerekana ko biri musi y’ibiharuro vyitwa ko ari ikiza “Seuil epidemique ” ari naco gituma ubu ata kiza kiriho mu gihugu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida amenyesha ko naho bahanganye bikomeye mu kurwanya iyo malariya yari yabaye ikiza, ko igikuru mu kuyirwanya ari ukwipfuka umusegetera urimwo umuti wica imibu,gukura ibinogo vyose aho imibu ishobora kuvyarira hamwe no gukura ivyatsi hafi y’ingo.

Ubwo bushikiranganji butera akamo uwo wese aba abonye ibimenyetso vy’iyo ndwara kunyarukira ku bitaro kugira yivuze.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha