Abafata umuti upfupfahaza umugera wa Sida basabwa kwitura amavuriro mato mato

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 2 Gitugutu 2017 saa 03:14
11685
0 0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida Muganga Thadee NGENDAKUMANA asaba abari ku miti ipfupfahaza kwitura amavuriro mato mato mu kurindira ko ikibazo cabo co kuronswa imiti n’ibitiro gitorerwa inyishu.

Mu kiganiro cahuje abavugizi b’inzego za Reta kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, mu ntara ya Ngozi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida yamenyesheje ko Reta ariyo ibazwa ubuzima bw’abanyagihugu ubwa mbere,ari naco gituma bakora ibishoboka vyose kugira amagara y’abantu abandanye kwifata neza.

Muganga Thadee NGENDAKUMANA yavuze ko hamaze kujaho itegeko ry’ubushikiranganji rirekurira amavuriro mato mato gukurikirana abagendana kandi bafata imiti ipfupfahaza umugera wa Sida.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida yamenyesheje kandi ko bagiye gusaba abaganga kwitanga batiziganya mu gufasha abagendana umugera wa Sida.

Mwomenya ko icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’indwara ya Sida bemeza ko mu gice kiri munsi y’ubugararwa bwa Sahara igitigiri c’abapfa bahitanywe n’umugera wa Sida cagabanutse gushika ku bice 30 kw’ijana gushika mu mwaka wa 2011.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha