Accueil > Ubuhinga bwa none > ARCT yatanguje amatohoza ku busuma bwakorewe abakoresha Terefone ngendanwa (...)
ARCT yatanguje amatohoza ku busuma bwakorewe abakoresha Terefone ngendanwa mu Burundi
mardi 13 Ruheshi 2017, par
ARCT ivuga ko yakurikiranye ubwo busuma bwakozwe ku materefone ngendanwa kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017, hakoreshejwe ama nomero adasa n’ayakoreshwa mu gihugu c’Uburundi.
Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kabiri riteweko umukono na Ir. Donatien MANIRAMPA arongoye ico kigo, ARCT ivuga ko ama nomero amwe amwe yakoreshejwe muri ubwo busuma amaze guhagarikwa, amatohoza kw’isoko ry’ubwo bunyonyezi akaba abandanya, ARCT ibifashijwemwo n’ubushikiranganji bw’ugutumatumanako amakuru, hamwe n’amashirahamwe akora ivyo gutumatumanako amakuru biciye ku materefone ngendanwa.
Mu kigo ARCT basaba abakoresha ama terefone ngendanwa ko bokwirinda guhamagara terefone ibabifye batayizi.
Kuva ku munsi wa gatanu gushika kuwa gatandatu, abanyagihugu bakoresha imihora ya Econet Leo, Lumitel, Smart babonye nomero zimeze nk’izo hanze y’Uburundi zibakura (bimwe bita kubipa). Abaciye bahamagara izo nomero basanze ama inite yabo yahahereye, kandi akagenda ku murindi unyaruka. N’iyo nawe ugize ico bita "Bip" kuri izo nomero, wasanga ama inite wari ufise yaheze. Zimwe muri izo nomero zabipa ni +22478000546, +22478000542, +22478000556, +22478000558
Mu kigo ARCT basaba abanyagihugu ko boza barabimenyesha muri ico kigo, mu gihe bosubira guhamagarwa n’izo nomero. Bobimenyesha ko nomero itariha y’ikigo ARCT, iyo nayo ikaba ari 151
Egide NDUWIMANA