Itara rigenewe Afrika kandi rizimbutse ryashitse kw’isoko

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 23 Rusama 2017 saa 04:56
Yasomwe : 13194
0 0

Ikigo c’abahinga giherutse gukorana n’ihinguriro rikomeye ryo mu Bushinwa, bahingura itara riri mu yazimbutse cane kw’isi yose, iryo tara rikaba rikoresha inguvu z’izuba.

Ihinguriro "Inventid" rifise icicaro mu gisagara ca Manchester mu Bwongereza niryo ryiyumviye iryo tara ry’izuba, rimwe rikagurishwa amadolari $5 mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika. Iryo ryashitse kw’isoko.

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko iryo tara ryakozwe n’ihinguriro "Yingli" ryo mu Bushinwa, hamwe n’ikigo c’abagiraneza "Solar Aid".

Iryo tara rizwi kw’izina rya SM100, uwariguze agashobora kurigendana, kuko rimara amasaha umunani ryaka igihe ryujujwe inguvu z’izuba. Ryatangujwe mu miryango 9000 yo mu bihugu bitatu vya Afrika arivyo Malawi, Uganda hamwe na Zambia.

Amatara ya peteroli niyo akoreshwa henshi ku bantu imiriyoni 600 bo mu turere tutagira umuyagankuba muri Afrika, ubushakashatsi bukerekana ko ayo matara asigaye asaba amahera menshi mu kuyakoresha, rimwe na rimwe agashobora gukwega n’impanuka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha