Accueil > Ubuhinga bwa none > BANKUMUKUNZI: Intara zose zirakoresha ubuhingwa bwa Numerique havuyemwo (...)
BANKUMUKUNZI: Intara zose zirakoresha ubuhingwa bwa Numerique havuyemwo intara ya Muyinga
lundi 16 Nzero 2017
Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru Nestor BANKUMUKUNZI amenyesha ko igihugu cose gishobora kuraba imboneshakure ikoresha ubuhinga bushasha bwa Numerique,havuyemwo intara ya Muyinga.
Mu rugendo umushikmiranganji yagize ari kumwe n’umuyobozi wa Radio n’imboneshakure vy’igihugu RTNB,umuyobozi ajejwe ubuhinga,n’abahinga bajejwe gukurikirana ivyo ubuhinga bwa numerique,basanze intara zose zishobora kuraba imboneshakure biciye mu buhinga bushasha bwa numerique.
Umushikiranganji Nestor BANKUMUKUNZI amenyesha ko bamaze kwumvikana n’abahinga bava mu gihugu c’Ubushinwa ko bari kumwe n’abahinga b’abarundi,bagiye gukora mu maguru masha kugira ngo abanyagihugu b’i Muyinga nabo barabew imboneshakure biciye mu buhinga bwa none.
Nestor BANKUMUKUNZI amenyesha ko igihugu c’Ubushinwa cemeye gutanga ivyuma bituma umuntu araba imboneshakure (Decodeurs) 190000,mu gihe ishirahamwe STARTIMES MEDIAS ryemeye gutanga izishika 20000.
Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru avuga ko Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,yatanguye gukora amatohoza bw’imiryango ifise imboneshakure zishobora gukorana n’ubuhinga bwa numerique,ariko atari bose bazoronswa decodeur.
IGIHE