Ikigo NASA kigiye kurungika kajugujugu k’umubumbe Mars

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 16 mai 2018 saa 09:35
17100
0 0

Ikigo c’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe gukora ubushakashatsi ku bijanye n’ikirere camenyesheje ko mu mwaka w’i 2020 gitegekanya kurungika indege kajugujugu ntoyi k’umubumbe w’isi wa Mars,kugira abantu bashobore kumenya no gutahura neza ivy’uwo mubumbe.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w’ikigo NASA ,Jim BRIDENSTINE yamenyesheje ko, iyo kajugujugu izorungikwa kur’uwo mubumbe mu kwezi kwa Mukakaro mu mwaka wa 2020, ikazoshikayo mu kwezi kwa Ruhuhuma mu mwaka wa 2021.

Amakuru ashikirizwa na AFP amenyesha ko, umugambi wo gukora iyo ndege izorungikwa kuri Mars watangujwe mu kwezi kwa Myandagaro mu mwka wa 2013, kandi ikaba itegerezwa kuba ifise ibiro bishoboka kuko imibereho yaho itandukanye niyaha kw’isi.

Iyo kajugujugu izorungikwa kuri Mars yiswe "The Mars Helicopter", ikazoba ikozwe nk’indege itagira umudereva bita ‘drone’, ikazoba ipima kilogarama 1.8.

Mars Helicopter izoba iri kumwe na robo ntoyi yahawe izina rya ‘Mars 2020 rover’ ikazoba ijejwe kuraba imibereho y’uwo mubumbe ko ata bantu boshobora kuhaba,kugenzura ko ata biremwa vyigeze kuhaba hamwe no gusuzuma ubutunzi kama bwoba buhari.

Iyo kajugujugu izoba ifise imishwarara y’izuba ishobora gutanga umuriro mw’ibateri y’iyo ndege eka no mu cuma cayo bizofasha kugira igume ishushe mu gihe bwije kandi ikazoba ikozwe k’ubuhinga ishobora kwakira no gushira mu ngiro amategeko ihabwa n’abari kw’isi.


Kumenyekanisha

1
Ndayisaba Arcade 19-05-2018 à 10:35

Je Nabaza Ko Hari Uwundi Mubumbe Iruhand Ya Mars Ubuzima Bwoba Bushoboka

2
David 16-05-2018 à 15:08

Muvuze ngo ikazoba ipima kilogarama 1.8.?????
Iyo ni indege canke ni jouet y’Umwana ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha