Abanywanyi ba Econet Leo bagabishijwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 juillet 2017 saa 01:54
Yasomwe : 14616
0 0

Ishirahamwe Econetleo riramenya abanywanyi baryo ko hari ubutumwa bumaze iminsi burungikwa butavuye ku muhora wa Econet leo. Ubwo butumwa bubwira abanywanyi ko bigenjeje neza, ko ari naco gituma batsindiye amafaranga n’amapikipiki, abo banywanyi bagasabwa kubigira ibanga. Muri Econet Leo baragabisha aborungikirwa ubwo butumwa.

Itangazo ry’ukugabisha ishirahamwe Econet leo ryasohoye rimenyesha ko abanywanyi baryo batigera barungikirwa ubutumwa mw’ibanga.

"Econet leo imenyesheje ko atanarimwe irungikira ubutumwa bw’ibanga umunywanyi kandi nta narimwe umunywanyi asabwa kuriha amahera mu gutora ivyo yatsindiye."

Muri iryo shirahamwe bibutsa abanywanyi ko irushanwa "Tombola" ririko riraba muri ino minsi ari HAMAGARA UTSINDE, naho nyene ubushimwe abanywanyi batsindira akaba ari amakinga, ibitenge, Terefone, amaradiyo, imboneshakure, amatara yakishwa n’izuba, ama inite hamwe n’amafaranga agera ku muriyoni w’amarundi.

Abanywanyi ba Econet Leo basabwa kwitondera inomero zibahamagara zibabwira ko batsinze.

Muri iryo tangazo, mw’ishirahamwe Econet leo bagira bati : "Igihe mutsinze, muhamagarwa na nimero imwe gusa ya Econet leo ariyo “142”. Iyo nimero yacu rero irabahamagara, ntibarungikira ubutumwa SMS."

Ishirahamwe Econet leo rihamagarira abanywanyi baryo kugaba no kwirinda ubutumwa nk’ubwo, hamwe n’ugukorana n’igiporisi kibegereye mu gihe bomenya uwushaka gukora ubwo busuma.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha