Econet Leo yatanze intererano y’amabati 50 kw’ishure ryisumbuye rya Sainte Therese de Mushasha

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 10 November 2018 saa 09:19
6510
0 0

Ishirahamwe ryo gutumatumano Econet Leo ryatanze kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 10 Munyonyo umwaka wa 2018 intererano y’amabati 50 yo mu bwoko bwa BG 28 kw’ishure ryisumbuye « Lycee Sainte Therese de Mushasha » ryo ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.

Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo akaba ariwe yashikirije iyo mfashanyo y’amabati ,yamenyesheje ko iyo ntererano bayitanze mu ntumbero yo kwitaba akamo batewe n’ishirahamwe « Association Ex ENF » rihurikiyemwo abahoze biga kuriryo shure kugira baterere umuganda wabo mu bikorwa vy’inyubako iryo shure risanzwe rifise.

Celestin BUKENE yavuze ko ishirahamwe Econet Leo risanzwe rishigikira ibikorwa vy’iterambere na cane cane mu bijanye n’amashure eka no mu bindi bintu bitandukanye.

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Sainte Therese de Mushasha,Sœur Polemie NSABIMANA yamenyesheje ko ashimiye ishirahamwe Econet Leo kubona ryifadikanije nabo mu kwitaba akamo batewe mu kubaronsa ingabire y’amabati.

Sœur Polemie NSABIMANA yasavye uwaserukiye ishirahamwe Econet Leo kuzobandanya babafasha hamwe no kubafata mu mugongo mu bindi bikorwa vy’iryo shure.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha