Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet leo yatanguje ubuhinga bushasha « Econet Connected Car » bufasha (...)
Econet leo yatanguje ubuhinga bushasha « Econet Connected Car » bufasha gukwirikirana imodoka aho igeze
Friday 2 November 2018, by
Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura kumugaragaro ubwo buhinga bushasha bwo gukwirikirana imiduga aho igeze aribwo Econet Connected Car, umuyobozi mukuru w’isharahamwe Econet Leo Nepias NJARAVAZA yamenyesheje ko ivyo babikoze kuko biri mu ntumbero bihaye mu bijanye no gutumatumanako hamwe no guhanahana amakuru biciye mu buhinga bwa none, intumbero yo kwama izana ubuhinga bushasha kandi bugezweho ku banywanyi bayo n-abarundi bose.
Umushingantahe Nepias NJARAVAZA yavuze ko ubwo buryo bwo gukwirikirana imiduga ku mwanya ku mwanya bufasha kugira amakuru y’imodoka ajanye n-aho igeze, uko iriko iragenda, n-ayandi amenyekana kuri mweneyo canke kubayijejwe.
Nepias NJARAVAZA yavuze ati :«Ukoresheje ubwo buhinga uzoshobora kumenya umwanya ku mwanya umuduga aho ugeze naho uriko uraca eka n’abashoferi bahindura inzira bagaca aho mutababwiye vyose muzoca mubibona.»
Uwo muyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet Leo yavuze ko uwokoresheje ubwo buhinga izo ngorane zose zahora zihaba zizoca ziba kahise, akazi gaheze kagende neza, umwimbu wiyongere.
Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo avuga ko abadakoresha ubwo buhinga bahahombera kuko ubwo buhinga bwerekana aho umuduga waciye ,aho wahagaze ingene igitoro kiriko kirakoreshwa kandi n’ubusuma buvurwa mu bantu batwara imiduga n’ububeshi bakunda gukoresha ngo yaciye ngaha kandi Atari vyo, bituma ivyo vyose ishirahamwe ritariko rirabukoresha rihahombera vyinshi ugereranije n’ishirahamwe ririko ryijukiye ubwo buhinga bugezweho.
Celestin BUKENE avuga ko kubona bashize ahabona ubwo buhinga bushasha biteze ko amashirahamwe menshi azobitaba akabukoresha ku neza yabo kuko bizotuma bagabanya amafaranga ahora asesagurika, bakongereza umwimbu.
- Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Volcano rimaze gukoresha ubwo buryo bwo gukwirikirana imodoka aho igeze, Abdoul MUGISHA
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Volcano rimaze gukoresha ubwo buryo bwo gukwirikirana imodoka aho igeze,Abdoul MUGISHA avuga ko ubwo buhinga ari bwiza kuko bubafasha kumenya umwanya ku mwanya imodoka zabo aho zigeze nuko ziriko ziratwazwa canke kumenya igihe igize ikibazo kandi vyatumye amasanganya yahora aba agabanuka. Abadoul MUGISHA atera akamo abandi na cane cane ayandi mashirahamwe gukoresha ubwo buhinga bushasha mu ntumbero yo kumenya imodoka zabo aho zigeze nuko zimerewe.
Ubuhinga bwo gukwirikirana imodoka « Econet Connected Car » uko bukora imodoka ija aho bayitegurira « garage » bakayishiramwo akuma k-ubuhinga bwa none gafasha gutanga amakuru y-aho imodoka igeze, ingene iriko iragenda, ingene iriko iragendeshwa, igitoro ifise, ko ihagaze canke iriko iragenda, n’ibindi vyose nwene imiduga canke uwujejwe gukwirikirana imiduga mw’ishirahamwe aba akeneye kumenya.
Ibisabwa kugira uronswe ubwo buhinga bwo gukwirikirana imodoka bisaba kuba ufise umuhora w’ishirahamwe Econet Leo, kwiyandikisha muri ubwo buhinga bushasha hama bagaca bagushiriramwo ako kuma mu modoka yawe, bakagafatanya n-I mashine yanyu.
Mu kugira muronswe ubwo buhinga bushasha, mwegera Ibiro bikuru vya Econet leo kuri Boulevard de l’Uprona, Immeuble Econet leo, 281 A canke muhamagare kuri 72.222.193.
Izindi Foto vyonda ngaha Photos
Vianney BIKORIMANA
Forum posts
3 November 2018, 12:41, by Ngendakumana.Gilbert
Econet Leo Niterimbere Icndany Ituzanira N,ubundi Buhinga
3 November 2018, 17:11, by jamarg
non bizotangur ryari
4 November 2018, 00:43, by King
Vyiza cane
4 November 2018, 10:51, by nkotanyi
Econet mujye muzanira abaturage produit ifitiye abaturage benshi akamaro nk’iyi niyo gufasha abakire bafite imiduga myinshi bashaka gukurikirana.! ubu mwakabaye muzana nibura produit yo gushyira internet muri bus?!!!! izanatuma n’abaturage igihe kizagera mukajya mukresha na ama carte kwishyura bus . muzaze musure u Rwanda murebe aho tugeze
5 November 2018, 01:17, by Citegetse didace
econet-leo bandanya ukora bishasha
natwe abanywanyi bawe tukurinyuma
ariko econet-leo urampimbara kwel
7 November 2018, 04:57, by Ciza Audace Mugt
Muraraba Mushir Ubwo Buhinga Ku Mamoto Namakinga Abakozi Baratwiba