IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Higherlife Foundation ryaronkeje Certificats abigisha 25

Higherlife Foundation ryaronkeje Certificats abigisha 25

Sunday 26 August 2018, by vianney

Joseph MAFARA aserukira Higherlife Foundation mu Burundi yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rikora cane mu gushigikira ibikorwa vy’indero ari naco gituma baronkeje izo nyigisho abo bigisha.

Joseph MAFARA yavuze ko gutanga inyigisho kubijanye n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none hakoreshejwe imashine nyabwonko kurabo bigisha ari nkenerwa kuko amashure menshi adafise izo mashine kugira vyorohere abigisha kuronka ubwo bumenyi.

Uyo aserukira Higherlife Foundation mu Burundi yavuze ko izo nyigisho ku bigisha bazitanze inyuma yaho babisavye kuko iyo batanze inyigisho ku banyeshure abigisha k’uruhande rwabo bahora babasaba kugira nabo bazozironswe.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutamatumanako Econet Leo risanzwe rifasha uburyo Higherlife Foundation,Nepias NJARAVAZA yamenyesheje ko intumbero yabo aruko mu gihugu bariko bakoreramwo bafata agace k’amafaranga binjije bakayasubiza mu gufasha abanyagihugu, babicishije mu gisata cabo co gufasha High Life Foundation bikaba vyatumye bashigikira izo nyigisho kubigisha.

Nepias NJARAVAZA yavuze ko babicishije mu gisata cabo co gufasha Higherlife Foundation bizofasha kugira ubuzima bw’abanyagihugu bushobore kwisununura.

Uyo arongoye Econet Leo yasavye abo bigisha baronkejwe izo mpapuro kwama basubiramwo ivyo bigishijwe kugira ntibazovyibagire.

Charlemagne NDUWAYO yaserukiye abigisha baronkejwe izo nyigisho amenyeshako bashimye izo nyigisho bahawe kuko bahungukiye vyinshi batari bazi kubijanye n’ubuhinga bwa none hakoreshejwe imashine nyabwonko kandi bigiye kubafasha mu kazi kabo ka misi yose k’uburezi.

Charlemagne NDUWAYO asaba Higherlife Foundation kuzobandanya ibafasha kubaronsa izindi nyigisho eka n’abandi bigisha bashore kuzironswa.

Abo baronkejwe izo nyigisho basaba iryo shirahamwe gukorana n’ubushikiranganji bw’indero kugira amashure ashobore kuronswa imashine nyabwonko.

Abigisha baronkejwe inyigisho bavuye mu ntara ya Ruyigi,Makamba,Ngozi,Gitega,C’ibitoke,Muyinga,Bujumbura hamwe no mu gisagara ca Bujumbura bakaba bize Microsoft Word,Microsoft Excel,Microsoft PowerPonit hamwe na Internet.

Haciye hafi ikiringo c’imyaka 3 ishirahamwe Higherlife Foundation gitanga kubijanye n’ikoreshwa ry’imashine nyabwonko ku buntu hakaba hamaze kuronswa izo nyigisho abantu bangana 4.090.

Photos: Econet Leo


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Jewe ico niyumvira n,uko izo nyigisho zotangwa no muzindi ntara kugira iterambere rigire hamwe mu Gihugu cose. Hama ibijanye n,ama machine naho n,uko benshi tuvyigisha atanizo turabna . Ca wumva nawe uriko wigisha uco utazi mugabo wasomye mu gitabo.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.