IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > BRB: Abashorera ubutare n’ikawa hanze bategerezwa kwuguruza amakonte (...)

BRB: Abashorera ubutare n’ikawa hanze bategerezwa kwuguruza amakonte mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu

vendredi 27 Nzero 2017

Umuyobozi ajejwe kugenzura agaciro k’amafaranga mw’Ibanki Nkuru y’igihugu amenyesha ko amafaranga y’agaciro ataboneka mu gihugu kuko igiterwa c’ikawa vagabanuye igiciro kw’isoko mpuzamakungu,kubera umwimbu wabaye mwinshi,kandi ico gisata arico cahora cinjiza amafaranga y’agaciro menshi.

Guy Ghyslain NTWENGEYE ajejwe gukurikirana agaciro k’amafaranga amenyesha ko imvo nyamukuru ituma amafaranga y’agaciro atabneka ku rugero rukwiye ,ari uko abafasha Uburundi bahagaritse infashanyo,hamwe n’igisata c’ingenzi kitagikra uko bikwiye kubera indayane za politike ziri mu gihugu.

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo, Guy Ghyslain NTWENGEYE amenyesha ko abashorera ikawa n’ubutare hanze,hamwe n’amashirahamwe yigenga bategerezwa kuba bafise amakonte y’amafaranga y’agaciro mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu hisunzwe amategeko,ariko amafaranga agatorwa mu marundi.

Guy Ghyslain NTWENGEYEavuga ko muri kazoza Ibanki nkuru y’igihugu itegekanya gushigikirwa n’amashirahamwe yo gutegekaniriza kazoza,kugira ibandanye gufasha mu bikorwa bijanye n’ubutunzi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.