Abayisiramu bo mu Burundi bifadikanije n’abandi bo kw’isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru witirirwa uw’intama. Igisabisho c’uguhimbaza uwo munsi cabereye mu bibanza bitandukanye, abayisiramu bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba bahuriye muri zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura.
Uwuserukira imbere y’amategeko umuryango w’abayisiramu mu Burundi, Cheikh Sadiki KAJANDI yamenyesheje mu nyigisho yatangiye mu Gatumba, ko umunsi mukuru w’intama usigura ugucungurwa kw’imitima ikava mu ngeso mbi, ikijukira inzira ija ku Mana.
- Cheikh Sadiki KAJANDI yasavye Abarundi kuyaga bahuza
Cheikh Sadiki Kajandi yasavye Abarundi ko boyaga bahuza birinde ingwano, bashire imbere ineza, aho akaba ari mu gihe igihugu kiri mu bikorwa vy’ukumenya ukuri n’ukurekuriranira.




Muhimbaza gute icungurwa ry’imitima yanyu Mutemeranya ninteguro Yimana muvyo gucungura Umuntu?lnteguro Yimana Nzima muri bino bihe turimwo vyerekana ko Abantu bacungurwa nukwemera nukwizera Yesu kristo kwariwe yasizweho gucungura abantu mugishingo c’intama nibindi,nicogituma ihimbaza ry’imisi mikuru yanyu ritaba iryo mukuri.