Accueil > Ukwemera > Umunsi mukuru w’intama wahimbajwe mu gisagara ca Bujumbura
Umunsi mukuru w’intama wahimbajwe mu gisagara ca Bujumbura
vendredi 1er Nyakanga 2017
Kuva igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 50, aba islam bavuye mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura bari bamaze gutangura kwijira mu musigiti bitirira Malikaz canke abandi bazi nko kwa Kadhafi, mu kurindira ko isaha imwe n’igice z’igitondo ishika kugira batangure amasengesho nyezina.

Uwari arongoye igisabisho yibukije ico umunsi wa Id’El-Hadji usigura ku ba islam, aca asaba ko abo Imana yahezagiye bakaronka igitungwa babaga kuri uno munsi bokwibuka gusabikanya n’abataronse.
Ati: «Uwu munsi twibuka aho Aburahamu yagomba abage umwana wiwe Isaka ngo amutangeko ikimazi, ariko Imana ica ikora igitangaza gikomeye imurungikira intama ibagwa mu kibanza c’umwana wiwe Isaka.»
Yongeye ati : «Nico gituma rero umu Islam wese abishoboye ahamagarirwa kubaga igitungwa, igice kimwe akagifungura ikindi akagisangiza abatashoboye kuronka igitungwa. Nkahamagarira umu islam wese ko niyabona uwuje kumusaba kutamwirengagiza kuko azoba ari intumwa y’Imana.»
RUKUNDO Ismail yaje avuye mu Kanyosha yavuze ko ari umunezero kuko ashikiriye umunsi wo guhimbaza umunsi w’intama akiri muzima.


MUGISHA Van Naris