Accueil > Ukwemera > Musenyeri Evariste NGOYAGOYE ntakiri Umwungere wa Diyoseze nkuru ya (...)
Musenyeri Evariste NGOYAGOYE ntakiri Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura
samedi 24 Ntwarante 2018, par
Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yagenwe kandi kuba Umwepisikopi ahagarariye Diyoseze nkuru ya Bujumbura kw’izina rya papa Fransisko.
- Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA
Iyo ngingo ya Papa Fransisko ifashwe inyuma y’aho Musenyeri Evariste NGOYAGOYE asabiye ko yotangura akaruhuko k’ubusaza.
Ako karuhuko ko muzabukuru kakaba kagengwa n’igitabo c’amategeko ya Ekereziya kw’isi yose, mu ngingo y’401 ku karongo ka mbere.
Ico gitabu c’amategeko kivuga ko Umwepisikopi ashikanye imyaka 75 ashobora gusaba gutangura akaruhuko ko mu busaza, aho tukabamenyesha ko Musenyeri NGOYAGOYE Evariste yasubirijwe mu gihe yari arumanije imyaka 77.
- Musenyeri Evariste NGOYAGOYE
Egide NDUWIMANA
Messages
25 Ntwarante 2018, 06:09, par amiri musa
basha kabisa abarundi barasenga bakumvirwa nagende yaragisibije ahubwo nibarabe ivyo yaranguye nabi akwirikiranwe n’ubutungane afise uruhara mubagiye baragandagurwa muburundi kuntwaro za buyoya na bagaza
25 Ntwarante 2018, 09:37, par Sicoroshe
Turashimiye cane Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye ingene yatubereye umwungere mwiza, Turifurije na Nyenicubahiro Musenyeri Gervais banshimiyubusa kuroranirwa mu mabanga bashasha, Imana imuje imbere
25 Ntwarante 2018, 13:26, par Sicoroshe
Turashimiye cane Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye ingene yatubereye umwungere mwiza, Turifurije na Nyenicubahiro Musenyeri Gervais banshimiyubusa kuroranirwa mu mabanga bashasha, Imana imuje imbere
21 Ndamukiza 2018, 15:08, par GILBERT
MAY GOD BLESS YOU YOUR EXCELLENCE.THANK YOU!
28 Ndamukiza 2018, 17:52, par willy ngabonzi
Ego imana ihezagire ahagiye imana ihezagire abagiye kuyobora.Ego ndamushimiye ukoyatwigishije ijambo ry,imana.