IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Cibitoke-Rugombo : Abayoboke batatu b’idini rya Islam bari mu minwe (...)

Cibitoke-Rugombo : Abayoboke batatu b’idini rya Islam bari mu minwe y’igiporisi

mardi 2 janvier 2018

Amakuru ava mu bayoboke b’idini rya Islam mu ntara ya Cibitoke, amenyesha ko abo bayoboke batatu bahagaritswe bagirizwa gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza bamwe mu barongozi b’idini rya Islam.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abahagaritswe uko ari batatu bagiriza, bamwe mu barongozi b’idini rya Islam,aho muri komine Rugombo, ko basesagura kandi bagakoresha nabi amatungo y’idini.

Naho bamwe mu miryango y’abahagaritswe isaba ko barekurwa, abarongozi b’idini rya Islam muri komine Rugombo bamenyesha ko borindira ubutungane bugakora igikorwa cabwo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.