IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Macca : Abantu imiriyoni zibiri bari mu rugendo

Macca : Abantu imiriyoni zibiri bari mu rugendo

lundi 12 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bo mw’idini rya Islam baharurwa mu miriyoni zibiri, baturuka mu bice bitandukanye vy’isi, nibo bari muri Arabia Saudite mu rugendo rw’imisi itanu rwama rwabahuje uko mwaka utashe i Macca.

Urwo rugendo rutunganwa mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’intama uhimbazwa kw’isi yose kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Nyakanga 2016.

Igihugu ca Irani uwu mwaka nticitavye urwo rugendo, mu kuvuga ko igihugu ca Arabia Saudite ata bushobozi gifise bwo kwitaho abantu mu bijanye n’amagara yabo hamwe n’umutekano.

Abayisilamu b’abanyairani bo mu bwoko bw’Abashiite bahisemwo gutumbera mu gisagara ceranda c’i Karbala kiri muri Iraki.

Tubamenyeshe ko mu rugendo rwo mu mwaka uheze, abanyairani baharurwa mu majana aribo bapfuye ku bwinshi mu bantu bashika 2000 bapfiriye mu misunikano yabereye aho i Macca. Ikindi catumye Irani itashimye kuja i Macca, n’uko basanzwe batumvikana na Arabiya Saudite, bitumwe n’intambara zo muri Yemeni na Siriya, aho ivyo bihugu vyose bifise abo bifashe mu mugongo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.