Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwahoze acungera ubuzima bwa Zebiya yemeza ko uwo mwigeme ageze mu gihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Uwahoze acungera ubuzima bwa Zebiya yemeza ko uwo mwigeme ageze mu gihugu (...)

Uwahoze acungera ubuzima bwa Zebiya yemeza ko uwo mwigeme ageze mu gihugu ca Australiya

lundi 16 avril 2018

Jimmy NEMEYIMANA avuga ko yatanguye kuja kwa Zebiya i Businde, Komine Gahombo, intara ya Kayanza, mu mwaka wa 2014, agiye gusengerwa kuko yari arwaye, ari naho yafatiwe aca yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, amarayo umwaka urenga.

Uwo yahoze ari umusirikare yemera ko yari mu begereye cane Zebiya, akaba n’uwujejwe umutekano wiwe, avuga ko abibaza ko Zebiya yoba akiri mu Burundi canke mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi atarivyo, kuko yahavuye, mbere amaze no kwubaka urugo.

« Zebiya yarubatse urwiwe, yubatse yisunze amategeko na Rugamba Juvenal. Ubukwe bwiwe abantu barabwitavye. Ubu ari mu gihugu ca Australiya, abana n’umugabo yavuye mu mwaka wa gatanu w’ishuri ry’ubuganga muri kaminuza y’Uburundi. »

JPEG - 66 ko
Jimmy NEMEYIMANA, yahoze acungera ubuzima bwa Zebiya

Jimmy NEMEYIMANA avuga ko Zebiya yagiye mu gihugu ca Australiya, aciye mu gihugu c’Ubuganda, hanyuma aca mu gihugu ca Canada. Kandi amaze no kwibaruka umwana w’umwigeme.

Nk’umwe mu bari barongoye abayoboke ba Zebiya baciye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo hanyuma bakaja mu gihugu c’Urwanda, yemeza ko baheruka kuronka ubutumwa bwa Zebiya mu mwaka wa 2015.

Mu minsi yose abo bayoboke bamaze mu buhungiro, bemeza ko batigeze babona umwigeme Zebiya. Abo bayoboke bavuga ko ivyo bitabaciye intege, kuko ku bwabo, atariwe bari bakurikiye.

"Zebiya ntawe twabonye kandi siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza ceranda ca Businde. Ariko yaradufashije mu gihugu c’Uburundi mu kubandanya gusenga kwacu. Nivyo vyadufashije n’ubu kuba tugihagaze mu kwemera."


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.