IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo igiye gufasha Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu gutanga (...)

Econet Leo igiye gufasha Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu gutanga amakuru ku materefone ngendanwa

mercredi 14 février 2018

Mw’ijambo yashikirije,Nepias Njaravaza, arongoye ishirahamwe Econet Leo, yavuze ko ashimishijwe n’amasezerano bashitseko, amenyesha ko abanywanyi ba Econet Leo bagiye kworoherwa aho bari hose, mu kuronka amakuru n’ibiganiro biciye mu buhinga bwa none buzanywe na Econet Leo.

Ku ruhande rwiwe, Salvator NIZIGIYIMANA, umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure nkuru vy’igihugu amenyesha ko ari umunsi udasanzwe ku banywanyi b’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu, hamwe n’abanywanyi ba Econetleo, ku ntambwe itewe mu ntumbero y’ukworohereza abanywanyi babo kugira baronswe amakuru n’ibiganiro ku mwanya wose, aho bahereye hose.

JPEG - 62.7 ko
Salvator NIZIGIYIMANA, Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’Imboneshakure vy’Igihugu

Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu avuga ko binjiye mu buhinga bwa none bwo gutanga amakuru ku banywanyi.

Salvator NIZIGIYIMANA arongoye insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu yamenyesheje ko ko azomenyesha vuba aho ubwo buhinga bwa none buzotangurira gukora.

JPEG - 70.8 ko
Umuyobozi wa ECONET-LEO (I bubanfu) n’uwa RTNB (I buryo), bashira umukono ku masezerano

BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.