IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo na RTNB batanguje uburyo bwo gukurikirana ibiganiro bwiswe (...)

Econet Leo na RTNB batanguje uburyo bwo gukurikirana ibiganiro bwiswe AKIWACU

lundi 30 avril 2018

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet Leo Nepias NJALAVAZA yamenyesheje ko ari umunsi udasanzwe kw’ishirhamwe Econet Leo na RTNB, kuko ari gishasha kije kitahahora haba kuri ayo mashirahamwe abiri mbere no ku barundi bose.

Umuyobozi mukuru wa Econet Leo yavuze ko bakoresheje AKIWACU , abanywanyi ba Econet Leo bazoronka akaryo ko gukurikirana ibiganiro ku murongo wa mbere n’uwa kabiri w’insamirizi y’Uburundi badataye umwanya, kandi bizogira akamaro ku buzima bw’abanyagihugu.

JPEG - 50 ko
Nepias NJALAVAZA, Umuyobozi mukuru wa Econet Leo

Nepias NJALAVAZA yasiguye akarusho ubuhinga bushasha AKIWACU bugiye kuzana, avuga ati : « Uwukoresha AKIWACU azoshobora gukurikirana ibiganiro vya RTNB aho ari hose, mu mwanya uwariwo wose, adatakaje umwanya. »

Uwo arongoye ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo ahamagarira abanywanyi babo gukurikirana no gukoresha ubwo buhinga bushasha.

Ku ruhande rwiwe, umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, amenyesha ko umunsi batangurijeko AKIWACU ari umunsi udasanzwe ku barundi, kandi utigeze ubaho, kandi ujana n’ibihe bushasha.

Nk’umuyobozi mukuru wa Econet Leo, umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, Salvator NIZIGIYIMANA, yavuze ko ari akarusho kanini, kuko AKIWACU izofasha abarundi gukurikirana amakuru y’Uburundi nayo kw’isi yose.

Yaboneyeho akaryo ko gushimira Econet Leo yemeye ko basangira umugambi wo gukorera hamwe mu gufasha abanywanyi gukurikirana ibiganiro n’amakuru aho bari hose, umwanya wose bakoresheje terefone ngendanwa.

Salvator NIZIGIYIMANA aramutswa ubuyobozi bw’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, yavuze ko ikiri intango, aca ahamagarira n’abanywanyi b’iyindi mihora ikoreshwa mu Burundi, gukurikirana AKIWACU.

JPEG - 46.4 ko
Salvator NZIGIYIMANA, Umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu

« Ni intango n’ibindi biracaza. Ndabasaba gukoresha aka kaganuke kugire mumenye amakuru yo mu Burundi nayo kw’isi. Mpamagarira abanyanyi b’iyindi mihora gukurikiranira hafi AKIWACU . »

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gutumatumanako n’ibinyamakuru, SIGEJEJE Frederic Francois yaserukiye umushikiranganji muri ivyo birori, yavuze ko ari ugukorana neza hagati ya Econet Leo na RTNB bigiye ahabona.

Yavuze ko ata terambere rishoboka ata gutumatumanako kubaye, aca ashimira Econet Leo na RTNB bakoreye hamwe kugira abantu bashobore gukurikirana amakuru n’ibiganiro, naho boba bari kure.

SIGEJEJE Frederic Francois yemeje ko Reta ataco itazokora kugira ibandanye ishigikira utwigoro nk’utwo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.