Advertisement
Kumenyekanisha
Econet Leo yadugije ibiciro vy’uguhamagarana
Yanditswe taliki ya 6-01-2017 - isaha 10:57' na IGIHE

Ishirahamwe ry’ugutumatumanako Econet-Leo ryadugije ibiciro vy’uguhamagara, bitewe n’uko itagisi ry’uguhamagarana ryadugijwe bisabwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, mu nteguro nshasha y’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2017. Iryo tagisi ryakuwe ku mafaranga 42 ku munota, rishirwa ku mafaranga 52.

Econet-Leo yaciye iduza ibiciro vy’uguhamagarana. Ku banywanyi bakoresha ivyo bita "Flottes", umunota umwe wakuwe ku mafaranga 50 ushirwa kuri 60. Nayo abanywanyi bahamagarana bisanzwe hagati yabo, igiciro c’umunota umwe cari amafaranga ijana, ariko ubu akaba ari 110.

Abanywanyi ba Econet-Leo bahamagara ku yindi mihora bazoriha amafaranga 178 ku munota, mu gihe yahora ari 168.

Ivyiyumviro vyanyu

mugabo nizo shirahamwe zirakenye nanje ngiye kuyita nitungire smt

12.01.2017 à 23:27
fidele nzikokirantevye

Nibaduze bazobura nivyo baduza,none kuduza amatagisi nyumurengera bizobafasha iki ? ubwo nubujuju ! uwuduza amatagisi aduza iyabona abenigihugu bageze kurugero rushimishije kubutunzi. None umuryagihugu aragenda rugatuma rwamatagisi yumurengera ! aje gusongongera nakahuha.

9.01.2017 à 04:35
Nowera Nimbona

Kumwe kwo kuri Micombero nako Micomibi, hagiye kuba ikori ry’umutwe. None ko ba sokuru baca baja i Buganga ubu naho muja kuyaca hehe ? Aba DD komere.

6.01.2017 à 18:58
Ikori

Na bado arabamara murabona iki utararihira agatongo kawe atazi ningene kabonetse.

6.01.2017 à 18:15
TINYA

Ngofatibihano ryabuy ritembagara riduga,turira amapine bifotiy za pass port,non ko bwamujer nabwo bugiy kuvyimbira sutama hano leta nikomez kurwiza ikori.

6.01.2017 à 16:40
Karorero

Iyomanda Ntawidahitana Nukuri

6.01.2017 à 14:52
Mag

Reka Leta ibanunuze ; none mwari muzi ko azova mu mupfuko wa Nkurunziza canke wa president w’inama nkenguzamateka ?

6.01.2017 à 14:48
Ngoya

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.