IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yagabanije inzira z’ukugura ama inite biciye muri (...)

Econet Leo yagabanije inzira z’ukugura ama inite biciye muri EcoCash

mercredi 21 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ukugura ama inite ya Econet Leo biciye muri EcoCash vyashizwe mu buryo bubangutse. Ubwo buryo bukaba buje gufasha abanywanyi ba Econet Leo bagiye kuza baragura ama inite baciye mu nzira imwe, aho akaba ari mu gihe zahora ari zitanu. Kugira bishoboke, umunywanyi yandika *444*3*amafaranga#OK

Ama inite ya Econet Leo aguzwe biciye mu bubiko bwa EcoCash ni ubuhinga busanzwe, bworoshe, bunyaruka, kandi bushoboka umwanya uwariwo wose, ijoro n’umutaga. Ububiko bwa EcoCash bwugururwa ku buntu mu gihugu cose.

Uko umunywanyi aguze ama inite akoresheje EcoCash, aronka akarusho (Bonus) k’ibice ijana vy’ayo aba aguze, agashobora kuyakoresha mu guhamagara hamwe n’ukurungikira ubutumwa abanywanyi ba Econet Leo. Ariko rero ako karusho gaherana n’isaha zitandatu z’ijoro.

Umukozi uwariwe wese wa EcoCash ashobora gufasha umunywanyi wa Econet leo ashaka kwuguruza ubwo bubiko, ariko aho bigasabwa ko uwo munywanyi aba akoresha ikarata simu ya Econet Leo, akerekana ikarata karangamuntu yiwe. Econet Leo ifise abakozi barenga 4500 bakwiragijwe mu gihugu cose, kugira bafashe abanywanyi bipfuza kwuguruza ububiko bwa EcoCash.

Mu gihe ubwo bubiko buba bwamaze kwugururwa, kugira umunywanyi ashiremwo amafaranga, atwara ku mukozi wa Ecocash ayo akeneye kubitsa, ayo nayo bakayamurungikira mu bubiko bwiwe bwa EcoCash buri muri terefone ngendanwa yiwe.

Tubamenyeshe ko amafaranga make ashobora gushirwa mu bubiko bwa EcoCash ari amafaranga amajana atanu y’amarundi, nayo ama inite make ashobora kugurwa biciye muri EcoCash akaba ari ijana rimwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.