IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanguje agaseke gashasha ka internet « MEGATCHAT (...)

Econet Leo yatanguje agaseke gashasha ka internet « MEGATCHAT »

jeudi 8 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Econet Leo yatanguje MEGATCHAT, agaseke gafasha abanywanyi b’iryo shirahamwe gutumatumako ku buhinga bwa none (Faisceaux bouquets de médias sociaux) nka WhatsApp, Facebook hamwe na Twitter, ku giciro gito kandi umwanya wose bashatse. Ubwo buhinga bumara amasaha 24 bushoboka iyo umunywanyi afyonze kuri *405*5#

MEGATCHAT ya Econet Leo ifasha urwaruka hamwe n’abakunda gukoresha ubuhinga bwa none kuronka akarusho iyo bariko bahanahana amakuru na bagenzi babo, imiryango yabo, hamwe n’isi yose. Ubwo buhinga ariko bugashoboka ku banywanyi bakoresha ikarata sim ya Econet Leo.

MEGATCHAT itanga internet umwanya wose, abayikoresha bagashobora kwirabira amasanamu, amashusho, kwumviriza amajwi hamwe n’ibindi. Mu gutanguza ako gaseke, Econet leo yipfuza ko urwaruka hamwe n’abandi banywanyi bakoresha ubuhinga bwa none bahakura akunguko.

Tubamenyeshe ko kugira umunywanyi aronke agaseke ka MEGATCHAT bisabwa ko aba afise amafaranga muri ngendanwa yiwe, agaheza agafyonda kuri *405*5# kugira yironkere amasaha 24 ariko akoresha internet ku buhinga ngurukanabumenyi bwa WhatsApp, Facebook hamwe na Twitter.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.