Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanze imodoka ku wayitsindiye mu rukino Andika (...)
Econet Leo yatanze imodoka ku wayitsindiye mu rukino Andika Utsinde
vendredi 11 mai 2018
MUHETO Clovis ava mu komine Matana, mu ntara ya Bururi niwe yatsindiye iyo modoka yo mu bwoko bwa Allion yari imaze iminsi iriko irahiganirwa, ku manota 1075.

BUKENE Pascal yaserukiye Econet Leo muri ivyo birori, yamenyesheje ko ari akanyamuneza ntangere kuri Econet Leo ko gushikiriza agashimwe uwagatsindiye, kandi ko bamukeje kubera ubwira yakoresheje muri urwo rukino.
Ku ruhande rwiwe, Clovis MUHETO yatsindiye iyo modoka, yavuze ko ari umunezero kandi ko ashimye cane, kuko kuva avuka ari irya mbere abonye ibintu nkivyo, aho Econet Leo yerekanye ko itayaga amasigaracicaro.
- Clovis MUHETO yatsinziye imodoka
Clovis MUHETO yamenyesheje ko atari ubuhinga yakoresheje kugira atsindire iyo modoka, ariko ko ari ishaka yagize, gushika aho yakinye agatsindira iyo modoka.
« Si ubuhinga burenze nakoresheje, kuko vyarashika nkananirwa ariko naguma nkina. Ikigora abantu n’uko babonye bananiwe baca bahagarika. »
Asaba ishirahamwe Econet Leo kugirira abandi nk’uko yamugiriye, kuko yabonye ko Econet Leo ibikora ku nyungu z’abanywanyi.

Mw’ihiganwa ryo guhiganirwa iyo modoka umunywanyi wa Econet Leo yarungika ijambo OK ku nimero 800, agaca abazwa ibibazo, ugaca uronka amahirwe yo gutsindira amainite ibihumbi ijana ku munsi, umuriyoni ku kwezi, hamwe n’imodoka.





MUGISHA Van Naris
Messages
15 mai 2018, 18:01, par Ndikumana Claude
Kabisa Ndashimiy Econet Leo Yanezereje Abanyagihu.Kuko Hari Nabatsindiy Ama Hera Menshi Ahubwo Nimutuzanire Utundi Turyoshe Natwe Turonke Ayo Mahirwe Ok P6
22 mai 2018, 17:03, par akimana beni
akimana ben