IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanze imodoka ku wayitsindiye mu rukino Andika (...)

Econet Leo yatanze imodoka ku wayitsindiye mu rukino Andika Utsinde

vendredi 11 mai 2018

MUHETO Clovis ava mu komine Matana, mu ntara ya Bururi niwe yatsindiye iyo modoka yo mu bwoko bwa Allion yari imaze iminsi iriko irahiganirwa, ku manota 1075.

BUKENE Pascal yaserukiye Econet Leo muri ivyo birori, yamenyesheje ko ari akanyamuneza ntangere kuri Econet Leo ko gushikiriza agashimwe uwagatsindiye, kandi ko bamukeje kubera ubwira yakoresheje muri urwo rukino.

Ku ruhande rwiwe, Clovis MUHETO yatsindiye iyo modoka, yavuze ko ari umunezero kandi ko ashimye cane, kuko kuva avuka ari irya mbere abonye ibintu nkivyo, aho Econet Leo yerekanye ko itayaga amasigaracicaro.

JPEG - 208 ko
Clovis MUHETO yatsinziye imodoka

Clovis MUHETO yamenyesheje ko atari ubuhinga yakoresheje kugira atsindire iyo modoka, ariko ko ari ishaka yagize, gushika aho yakinye agatsindira iyo modoka.

« Si ubuhinga burenze nakoresheje, kuko vyarashika nkananirwa ariko naguma nkina. Ikigora abantu n’uko babonye bananiwe baca bahagarika. »

Asaba ishirahamwe Econet Leo kugirira abandi nk’uko yamugiriye, kuko yabonye ko Econet Leo ibikora ku nyungu z’abanywanyi.

Mw’ihiganwa ryo guhiganirwa iyo modoka umunywanyi wa Econet Leo yarungika ijambo OK ku nimero 800, agaca abazwa ibibazo, ugaca uronka amahirwe yo gutsindira amainite ibihumbi ijana ku munsi, umuriyoni ku kwezi, hamwe n’imodoka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.