IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Emmanuel HAMEZ yavuye mu buyobozi bwa Econet Leo

Emmanuel HAMEZ yavuye mu buyobozi bwa Econet Leo

jeudi 1er Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Emmanuel HAMEZ, yahora ari umuyobozi mukuru (Administrateur Directeur Général) w’ishirahamwe Econet LEO ntakiri muri ico kibanza kuva mu kwezi kwa Myandagaro 2015. Muri Econet Leo bavuga ko uwo yahora ari umuyobozi mukuru yikuye muri ayo mabanga ku mvo ziwe atamenyesheje, ariko ko umusubirizi wiwe azomenyeshwa mu ntango z’umwaka w’2017.

Mu kurindira ko uwo musubirizi amenyeshwa, muri Econet Leo bavuga ko Nepias Njaravaza, yabaye umuyobozi ajejwe ivy’ubutunzi muri iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’2009 gushika mu 2013, ariwe muyobozi mukuru vy’imfatakibanza wa Econet Leo.

Ishirahamwe Econet Leo rirashima ubutwari bwa Emmanuel HAMEZ yahora ari umuyobozi w’iryo shirahamwe, kuko nk’uko babishikiriza yakoze ibikomeye mu mugambi w’ukwiyunga wa Econet Burundi na Leo UCOM mw’ishirahamwe rimwe ry’ugutumatumanako, risanzwe mbere ariryo rya mbere rikomeye mu yandi mashirahamwe, nk’uko Econet Leo ivyemeza.

Emmanuel HAMEZ akaba yagiye amenyesheje ko asize ishirahamwe rikomeye kandi riguma ritera imbere, avuga mbere ko kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka w’2017, iryo shirahamwe rizotanguza umuhora 4G wa internet yihuta.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.