Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ikiza ca Ebola caronkewe urucanco
Ikiza ca Ebola caronkewe urucanco
vendredi 23 Kigarama 2016, par
Igeragezwa ry’urucanco rwa Ebola ryerekanye ko rufise inguvu n’ubushobozi bikomeye mu kurandurana n’imizi iyo ngwara yari isinzikaje abanyagihugu bo mu bice bimwe bimwe vy’isi.
Iryo geragezwa ryabereye mu gihugu ca Guinnee, kimwe mu bihugu vya Afrika vyo mu burengero casinzikajwe n’iyo ngwara yagiye kurangira muri uwu mwaka w’2016.
Inyuma y’iryo geragezwa, ikinyamakuru kiraba ibibazo vy’amagara y’abantu mu Bwongereza, The Lancet, cerekanye ko abantu bashika 6000 baronse urwo rucanco, basanze batagifise iyo ngwara inyuma y’imisi icumi.
Mu wundi mugwi nk’uwo, mu bataronse urucanco, basanze abantu 23 bandukiwe n’umugera wa Ebola.
Umuyobozi mukuru w’ikigo Welcome Trust co mu Bwongereza, yavuze ko ivyavuye muri iryo geragezwa ari ivyo kwishimira cane.
Abantu ibihumbi cumi na kimwe nibo baharurwa ko bahitanwe n’iyo ngwara yatera mu misi iheze muri Afrika yo mu burengero.

IGIHE
Messages
23 Kigarama 2016, 21:04, par Daniela
Njanywe,nabo,bahinga,babaganga,bvatoye,urucanco,rwa,ebola,kuko,yari,igisibije,muri,afrika.Ndabashimiye,sinkabamwe,bahingura,ibigwanisho,ruhonyanganda.Bomubihugu,vya,buraya.Vyo,kwica,aba,nya,frika.
26 Kigarama 2016, 19:50, par Ntibesha Jean
Ha Nivyiza Abahinga Bariko Barakora ,nibagerageze Barondere Urucanco Rwa Sida Na Marariya Ariko Sinzi Ko Bizobashobokera Kuko Sida Na Marariya Bimaze Igihe Kirekure Bisasika Iganda Ebola Yo Yarimaze Igihe Gito Nibageragerageze Ariko Bamwe Bavugako Sida Arigihano Imana Yashitseho Kubantu Basambana Ndi Jean Mu Rutovu-buriri Burundi