Ingomero za Rusizi 1 na Rusizi 2 zigiye gusanurwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 décembre 2016 saa 10:15
Yasomwe : 7236
0 0

Reta y’Ubudagi yatanze imfashanyo y’imiriyoni 32.5 z’amafaranga y’amanyaburaya azokoreshwa mu gusanura n’ukwagura ingomero za Rusizi I na Rusizi II zihurirwako n’Uburundi, Urwanda, hamwe na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC).
Amasezerano y’iyo mfashanyo yateweko umukono na Herman TUYAGA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CEPGL, iyo mfashanyo ikazofasha mu kwongereza inguvu mu gukorana n’akarere hamwe n’umutekano. Vyitezwe ko gusanura izo ngomero za Rusizi bizokemura ikibazo c’ibura (...)

Reta y’Ubudagi yatanze imfashanyo y’imiriyoni 32.5 z’amafaranga y’amanyaburaya azokoreshwa mu gusanura n’ukwagura ingomero za Rusizi I na Rusizi II zihurirwako n’Uburundi, Urwanda, hamwe na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC).

Amasezerano y’iyo mfashanyo yateweko umukono na Herman TUYAGA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CEPGL, iyo mfashanyo ikazofasha mu kwongereza inguvu mu gukorana n’akarere hamwe n’umutekano. Vyitezwe ko gusanura izo ngomero za Rusizi bizokemura ikibazo c’ibura ry’umuyagankubamu karere k’ibiyaga binini, ikibazo ahanini caterwa n’ugusaza kw’ibikoresho vyubatse izo ngomero.

Urugomero rwa Rusizi II rwari rufise ubushobozi bwo gutanga Megawatt 43,6 ariko kubera ugusaza kw’ibikoresho, ubu rutanga Megawatt 36 zigaburwa mu bihugu bitatu. Biteganyijwe ko gusanura urwo rugomero bizotwara imiriyoni 85 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Bitegekanijwe ko uwo mugambi uzotwara imyaka itanu, ariko iyo myaka igashobora kugabanuka bitewe n’ibiganiro hagati y’ababishinzwe, hamwe n’uko amafaranga azoboneka bidatevye.

Ikibazo c’ibura ry’umuyagankuba kibandanya kwibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, aho ama karitiye atari make amaze iminsi arara mu mwijima. Mw’ishirahamwe REGIDESO basigura ko ico kibazo c’ubukene bw’umuyagankuba catewe na mégawatts 12 zitakiboneka, izo nazo zikaba zahora ziva ku rugomero rwa Ruzizi II, zitanzwe n’ishirahamwe SINELAC (société Congolaise d’électricité)

Tubamenyeshe ko inama nshikiranganji y’Uburundi iheruka gufata ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba mu Burundi.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha