Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanze Certificats ku rwaruka 35 rwaronkejwe inyigisho (...)
Econet Leo yatanze Certificats ku rwaruka 35 rwaronkejwe inyigisho z’ubuhinga bwa none
Thursday 5 July 2018, by
Murivyo birori vyo gutanga izo mpapuro, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ECONET Leo, Nepias NJARAVAZA yamenyesheje ko yanejerejwe kubona urwo rwaruka rusanzwe rukoresha umuhora wa ECONET Leo hamwe n’uduseke twa internet “BIRAMARA” ruronkejwe impapuro zemeza ko bahejeje izo nyigisho.

Nepias NJARAVAZA yavuze kandi ko intumbero ishirahamwe arongoye ryihaye ari guhindura ubuzima bw’urwaruka biciye mu nzira nziza kandi izo mpapuro baronkejwe ari intango kuribo kugira bashobore kuronka n’utundi turusho twa ECONET Leo dutandukanye hamwe no kuharonkera akazi.
Uyo arongoye ECONET Leo yavuze ko gutunganya izo nyigisho ku rwaruka bashatse kwerekana ko bashobora guterera mu bintu bitari bike mu gihugu, na cane cane mu gufasha urwaruka ku bijanye n’ubuhinga bwa none kugira rugire ico rwimarira rukoresheje ubwo bumenyi mu kwiteza imbere.

Nepias NJARAVAZA yasavye urwo rwaruka kubwira urundi rwaruka kugura umuhora wa ECONET Leo hamwe no kugura uduseke twinshi twa internet biciye muri BIRAMARA kugira narwo ruronke akaryo ko kwiga izo nyigisho.
Uyo arongye ECONET Leo yasavye kandi abo baronkejwe izo mpapuro z’umutsindo kuba abaserukizi ba BIRAMARA aho bazoba bari hose kandi bazobandanye bagura uduseke twinshi twa internet.
Yvan Belly AGATORE ari mu baronkejwe izo mpapuro “Certifats” yamenyesheje ko izo nyigisho zamufashije kuko yashoboye kuhamenyera kwandika akoresheje imashini nyabwonko ,gukoresha umuhora wa internet n’ibindi.

Dieudonnee NDASHUKIRA TUMAINI nawe nyene ari mu baronkejwe izo mpapuro z’umutsindo yamenyesheje ko ashima ubumenyi yaharonkeye kuko buzomugirira akamaro kanini mu buzima bwiwe.
Yaba Yvan canke Dieudonnee bose batera akamo urwaruka gukoresha umuhora wa ECONET Leo hamwe no kugura uduseke twinshi twa internet biciye muri BIRAMARA kugira nabo baronke amahirwe yo kuronka izo nyigisho.
Biramara n’uburyo bwagenewe urwaruka ruri hagati y’imyaka 16 na 35,kugira rugure uduseke dutandukanye twa interenete hakaba hariho biramara y’umusi 1,iyimara indwi hamwe na BIRAMARA y’ukwezi.
Ushaka uduseke na BIRAMARA ,fyonda *404# wihitiremwo uduseke twa internet na ECONET Leo










IGIHE
Forum posts
9 July 2018, 10:05, by Richard
Ndabishima nanje ntegerezwa kuba mu ba mbere mu bazokurikira!