IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abarundi bokwisabira; bakore ibiha agaciro ubuzima bwabo - Ngoyagoye

Abarundi bokwisabira; bakore ibiha agaciro ubuzima bwabo - Ngoyagoye

mercredi 7 Munyonyo 2012

Musenyeri Evariste Ngoyagoye asaba abarundi kwisabira kugira ngo ivyo bakora bibe ibiha agaciro ubuzima Imana yabahaye. Ivyo yabishikirije muri Cathédrale Regina Mundi kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu 2012 mu nkuka y’imisa yasomye mu gusezera ubwanyuma uwahoze arongoye intara ya Mwaro Diomède Ngomirakiza yitavye Imana kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2012 mu bitaro vy’Umwami Khaled.

Musenyeri Ngoyagoye yarerekanye ko ubuzima ari akatihabwa: ni ingabire y’Imana. Ngo ni iyo ngabire Imana yari yarahaye Diomède Ngomirakiza imbere yuko isubira ku vyayo. Yaribukije ko iciza kiruta ibindi ari uko Imana yategekanirije abo yaremye ubuzima budashira mu munezero inyuma y’urupfu.

Ngo ubwo buzima bubikiwe abayubaha. Musenyeri Evariste Ngoyagoye yarashimiye Imana ko Diomède Ngomirakiza yari yaramenye Imana kandi no mu gupfa kwiwe akaba yararonse akaryo ko kuvugana n’abakozi b’Imana.

Yarangije gusoma imisa asaba abari bitavye ivyo birori kwisabira kugira ngo ivyo bakora bibe ibiha agaciro ubuzima Imana yabahaye. Ibirori vyo gushingura uwo muhisi vyabandanirije ku mpanda aho uwaserukiye Reta Martin Nivyabandi ajejwe iterambere ry’amakomine yagarutse ku vyaranze ubuzima bwa Diomède Ngomirakiza.Ngo uwo muhisi yitaho ibikorwa cane mbere akagira imigenderanire myiza n’abafasha mw’iterambere ry’igihugu.

Agatanga akarorero ko yakoranye neza n’abarongoye ikigega ca Buraya kijejwe iterambere FED n’ibanki ya Afirika ijejwe iterambere BAD. Ngo yakoze ibishimwa mw’ihinguriro ry’icayi OTB n’ihinguriro ry’amavuta ryo mu Rumonge.Ibikorwa yaranguye mu ntara ya Mwaro nk’umukuru wayo ngo birashimishije kuko yitaho abanyagihugu kuko yamye atunganiriza abamwitura bose.

Ngo yarakunda guhanuza imbere yuko afata ingingo iyo ari yo yose. Abandi bashikirije amajambo bashima ibikorwa vyiza vyaranguwe n’umuhisi Diomède Ngomirakiza ni Buramatari w’Intara ya Muramvya, Oscar Ndayiziga, uwaserukiye abashingamateka n’abakenguzamateka bavuka mu ntara ya Mwaro, Kekenwa Sylvestre, n’uwaserukiye umuryango.

Mwomenya ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyacubahiro uhereye ku mukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, abaserukiye ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abashikiranganji, abashingamateka n’abakenguzamateka, bamwe mu barongora intara n’abandi.


PPB

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.