IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > OBR imenyesha ko yinjije amafaranga arenga ayari yitezwe

OBR imenyesha ko yinjije amafaranga arenga ayari yitezwe

vendredi 13 Nzero 2017

Ikigo kijejwe gutoza amakori OBR kimenyesha ko cinjije amafaranga angana n’imiliyaridi 161,67 y’amarundi ,kuva mu kwezi kwa Gitugutu gushika mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2017,mu gihe vyari vyitezwe ko cinjiza imiliyaridi 152,65 y’amarundi.

Mu gihe Komiseri mukuru wa OBR Leonard SENTORE yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe mu mezi atatu aheze,kuva mu kwezi kwa Gitugutu 2016 gushika mu kwezi kwa Kigarama 2016, yavuze ko muri ico kiringo nyene mu mwaka wa 2015,ikig OBR catooje imiliyaridi 158,65.

Leonard SENTORE arongye ikig OBR amenyesha ko ku mafaranga yari yitezwe barengejeko imiliyaridi 9,03 z’amafaranga y’Uburundi,ni ukuvuga ibice 5,72 kw’ijana.

Komiseri mukuru w’ikig gitza amakori OBR amenyesha ko muri rusangi amafaranga yatjwe na OBR angana n’imiliyaridi 637,45 z’amarundi,akaba arengako imiliyaridi 41,20 ku yari yitezwe.

Ku bijanye n’ikori ku mazi akoteshejwe ryahora ritozwa n’igisagara ca Bujumbura,Komiseri mukuru wa OBR Leonard SENTORE amenyesha ko ubu rizotozwa n’ikigo OBR.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.