SUMMER PROMO : Tsindira itike wironkere niya kabiri ku buntu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 13 juillet 2017 saa 05:40
Yasomwe : 1710
0 0

Summer promo iratanga amahigwe yo gutsindira amatike 2 yo kwinjira mu giteramo “PAMOJA FESTIVAL”. Ayo mahirwe ahabwa abanywanyi ba Econet Leo bakoresha umutekero wa interenete (1GB ku mafaranga igihumbi amara umunsi canke umutekero bita : Bouquet nuitée).

Mu kwinjira muri iryo higanwa, andika *405*7# ku mutekero wa 1GB ukoresha mu masaha 24 canke *405*9# ku mutekero bita “bouquet nuitée”.

Ku musi ku musi, ijonjora (Tirage au sort) riramenyesha uwatsinze, akaba ariwe atahukana amatoke abiri ku buntu. Abatsinze bahamagarirwa gutora amatike mu bibanza ishirahamwe Econet Leo rikoreramwo.

Ico giteramo gitegugwa n’abaririmvyi bo mu Burundi, kizobera kuri Karera Beach kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro 2017, kuva igihe c’isaha umunani z’umuhingamo.

Abateguye ico giteramo bamenyesha ko intumbero nyamukuru yaco ari ugutsimbataza umuziki uhamagarira guteza imbere imigenzo ibereye. Kizoba citabwe n’abaririmvyi bakomeye baririmba indirimbo zihayagiza Imana bavuye mu bindi bihugu, aho twobabwira nka Holy Keani, Zabuli, Anji Lyrical Mic, na Dj stryuis. N’abaririmvyi bo mu Burundi bazoba bari muri ico giteramo. Twobabwira nka BIG Zoé, PRINCE Mshindi, Shaka, Best Music, Type, Masezerano, Norasqua, PRINCE Tuombe, Jamaicano (reggae), ROD40, GN, Samantha, Vestine, Gladys).

Imigwi y’abaririmvyi nka Sons of the morning star, Redemption Voice, Best Friends of God, B4T.

Imigwi y’abatamba nka Girls of God, BKM, 257 BBOYS, ABIRABURE, GOD’S GLORY, D4G, GENADORES, TH4C, FORCE 257).

Abahinyanyuzi : DJ Mulla, DJ Patman, DJ Ivan, Dj Eliezon.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha