IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Tsindira amafaranga hamwe na « Andika Utsinde » ya Econet Leo.

Tsindira amafaranga hamwe na « Andika Utsinde » ya Econet Leo.

Wednesday 10 January 2018, by Jean De Dieu

« Andika utsinde »n’igisata umunywanyi wa Econet Leo yiyandikishamwo agaheza akaronka mu gasandugu kiwe k’ubutumwa ibibazo agenda arishura. Inyishu nziza ijana n’inota rimwe, gutyo amanota akaza ariyongera.

Mu gukina iyo tombola, biroroshe. Andika OK urungike kuri 800 ucuronka ubutumwa bugufi bukwereka ibibazo ugenda urishura kimwe kimwe. Mu kwishura, umunywanyi araheza akarungika urudome rujanye n’inyishu nziza, nukuvuga A canke B canke C ( Raba neza mu kwishura ntimushireko utundi tumenyestso : akaburungu,agakwabu…).

Mu gutangura iyo tombola, umunywanyi arungitse OK kuri 800 hakagenda ama inite ijana gusa (100). Abagize amahigwe yo gutsinda bamenyekana ku musi ku musi, umwe akaronswa ama inite y’ibihumbi bitanu, uwundi akaronswa amafaranga ibihumbi ijana (100.000 Fbu).

Iyo tombola « Andika Utsinde » yatanguye kuva kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2016 irabandanya hakaba hamaze gutombora abatari bake. Kurikirana abamaze gutsinda ku mbuga za facebook na twitter za Econet Leo .

Banywanyi ba Econet Leo, ntimutangwe, nyaragasa murungike ijambo ok kuri 800, mwishure ibibazo hama mwitsindire amafaranga, imodoka hamwe n’ama inite.


Huguette NKURUNZIZA

Forum posts

  • None Bifikiringo Kinganiki? Hoho Umuntuyatsinze Abimenyeshagute, Haramaradiyo Mubitangarizako Canke Muratangubutumwa Kuwatsinz? Ntawotsinda Ntabimenye Agahomba Ivyoyatsindiye? Murakoz.

  • Muri Andika Utsinde ni mundungikire urutonde rw’ibibazo kugira ngo ndavyishure iyo mpejeje kwiyandikisha,murungika ikibazo kimwe gusa kandi vyategerezwa kuba ari bine.

    Kandi inyishu nziza yose mwanditse ko Ijana n’inota rimwe ariko nishuye neza ibibazo birenga mirongo une(<40)ariko ntimuranshirirako amanota yavyo.Ni muntunganirize.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.